UMUKURU W’IGIHUGU C’UBURUNDI,
Umugwi w’Igihugu ujejwe guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro umaze gutanga icegeranyo cawo;
Inama Nshikiranganji imaze kubica irya n’ino;
Abarundi bamaze kwemeza Integuro y "Ibwirizwa Shingiro babicishije mu matora yo ku wa 17 Rusama 2018;
Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro imaze kwemeza ivyavuye mu matora yo ku wa 17 Rusama 2018 mu ngingo yayo RCCB 356 yo ku wa 31 Rusama 2018;
Hasubiye kwihwezwa Ibwirizwa Shingiro ryo ku wa 18
Aratangaje Ibwirizwa Shingiro rya Repuburika y’Uburundi rikurikira:
ABARUNDI TWESE :
Tuzirikanye ivyo dutegerejwe imbere y’Imana ;
Tuzirikanye ivyo dutegerejwe imbere n’abazovuka ;
y’abariho Twongeye kwiyemeza gushira imbere amahoro, ugusubiza hamwe n’ubumwe bw’Abarundi hisunzwe amasezerano y’i Arusha yerekeye kugarukana amahoro n’ukunywanisha Abarundi yashizweko umukono kw’ igenekerezo rya 28 Myandagaro 2000 hamwe n’Amasezerano yo guhagarika intambara ;
Kuberako twemeza ishaka Uburundi bufise ryo kwubaha n’ukwubahiriza Amasezerano agenga Umuryango w’ ibihugu bigize Afrika yo mu Buseruko (EAC) ;
Twongeye kwemeza ishaka rikomeye dufise ryo kurwanira ubwigenge no kwikukira mu vya poritike n’ubutunzi bw’igihugu cacu ;
Twihweje akamaro ko gutsimbataza intwaro irama no guteza imbere ubutunzi, imibano n’ukubungabunga imico kama y’igihugu cacu ;
Twihweje akamaro ko gutsimbataza intwaro rusangi n’igihugu kiganzwa n’ amategeko ;
Dusubiriye gutangaza ko zina kiremwa muntu, atagusobanura ubwoko, idini canke ukwemera kwiwe, afise uburenganzira ntakomakomwa ;
Dusubiriye kwemeza icese ishaka dufise ry’ukwubahiriza uburenganzira shingiro bwa kiremwa muntu nk’uko bitegekanijwe yerekeye agateka ka zina muntu yemejwe n’Uburundi hamwe n’ingingo ngenderwako zemewe n’amategeko y’Igihugu ;
n’amasezerano mpuzamakungu Twemeje ko ukwishira n’ukwizana kw’abantu mu kwituganiriza ivyabo ari inkoramutima mu migenderanire n’amakungu ;
Twihweje ko imigenderanire y’ibihugu itegerezwa kurangwa n’amahoro, ubucuti, n’ugufashanya hisunzwe Amasezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu (ONU) yo ku wa 26 Ruheshi 1945 ;
Dusubiriye kwiyemezakutadohokaku bumwe bw’Afrika hisunzwe Itegeko rishinga ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika ryo ku wa 25 Rusama 2002 ;
Dusubiriye kwiyemeza gushiraho ingendo ya poritike n’intwaro bifatiye ku mico n’akaranga vy’Igihugu cacu kandi bifatiye ku butungane, ku ntwaro rusangi, ku ntwaro ibereye, ku migambwe myinshi, ku kwishira n’ukwizana kw’umuntu wese, ugushigikirana n’umwumvikano wa bose, ku kwihanganirana n’ugufashanya hagati y’ubwoko butandukanye bugize igihugu cacu ;
Twishimikije ishaka dufise ry’ukwubaha n’ukwubahiriza Ibwirizwa Shingiro hamwe n’inzego zitorewe n’abenegihugu ;
Twihweje ko amatora ari bwo buryo bwonyene abenegihugu bakoresha mu kwitorera ababarongora ;
Twiyamirije twivuye inyuma uburyo ubwo ari bwo bwose bwokoreshwa mu gushikira ubutegetsi bidaciye mu matora;
TWEMEJE KU MUGARAGARO IRI BWIRIZWA SHINGIRO ARI NA RYO BWIRIZWA RIKURU RYA REPUBURIKA Y’UBURUNDI.
Ingingo ya 1
Uburundi ni Repuburika imwe rudende, yishira ikizana, itegamiye idini na rimwe, ishingiye ku ntwaro rusangi, yubahiriza ubudasa mu vyerekeye amoko n’amadini.
Ingingo ya 2
Agataka k’Uburundi ntigashobora gutangwa, kugurishwa canke gucibwamwo ibice.
Ingingo ya 3
Uburundi bugizwe n’intara, amakomine, amazone, imitumba n’ibindi bice bitegekanijwe n’Ibwirizwa. Ibwirizwa nratomora ingene ivyo bisata biringanijwe n’ingene bitwarwa. Imbibe n’igitigiri cavyo birashobora guhindurwa n’Ibwirizwa.
Ingingo ya 4
Abenegihugu ni bo bategerezwa kwemeza ko intwaro ya cami n’amategeko ayigenga igarukanwa biciye mu matora.
Umugambwe uwo ari wo wose uharanira kugarukana intwaro ya cami udakoresha igikenye urafise uburenganzira bwo gukora.
Ingingo ya 5
Ururimi rw’igihugu ni ikirundi. Indimi zikoreshwa mu ntwaro ni ikirundi n’izindi ndimi zishingwa n’Ibwirizwa.
Amabwirizwa yose ategerezwa guhindurwa mu Kirundi.
Ingingo ya 6
Intwaro ya Repuburika y’Uburundi ikomoka ku benegihugu, ni bo bayishinga kandi ni bo iharanira.
Ingingo ya 7
Abenegihugu ni bo soko ry’ubutegetsi mu gihugu, ni bo bitorera ababaserukira ngo barangure amabanga y’intwaro canke bakifatira bo nyene ingingo zirongora igihugu biciye mu matora.
Nta mugwi n’umwe w’abenegihugu kandi nta muntu n’umwe ashobora kwihagira ubutegetsi.
Ingingo ya 8
Umwenegihugu wese akwije ibisabwa n’amategeko arafise uburenganzira bwo gutora. Mw’itora nta jwi riruta irindi, kandi umuntu wese atora mu mwiherero, uko ashaka, agatorera ahazwi. Mu gutora, abenegihugu bashobora kwitorera bo nyene abategetsi canke bagatora ababaserukira mu gutora abo bategetsi nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa.
Abarekuriwe gutora hakurikijwe igitabu c’amategeko agenga amatora, ni Abarundi bose bakwije imyaka cumi n’umunani kandi atakibakumira mu mabanga y’igihugu.
Ingingo ya 9
Umurwa mukuru w’Uburundi ushinzwe i Bujumbura. ibwirizwa rirashobora kuwimurira ahandi hose mu gihugu canke rigatandukanya umurwa mukuru w’ivya poritike n’umurwa mukuru w’ivy’ubutunzi.
Ingingo ya 10
Ibendera ry’Uburundi rigizwe n’amabara atatu. iry’urwatsi rutoto, iryera n’iritukura. Rishushanijwe bwa rukiramende, rikagaburwamwo ibice bine, hagati hakaba urubumbiro rwera rurimwo inyenyeri zitatu zitukura zifise amasonga atandatu imwe imwe kandi zikagira inyabutatu ngereranyo ifise impande zose zingana na yo ikaba mu muzingi ngereranyo usangiye itsina na rwa rubumbiro, ishingiro ryayo rikaba ribangabanganywe n’uburebure bw’ibendera.
Ibwirizwa ni ryo ritomora uko ibendera rireha n’ibindi vyose biriranga.
Ingingo ya 11
Icivugo c’Uburundi ni «Ubumwe, Ibikorwa, Amajambere». Ikimenyetso ca Repuburika y’Uburundi ni inkinzo ishushanijweko umutwe w’intare n’amacumu atatu, vyose bikaba bikikijwe n’icivugo c’Igihugu.
Ururirimbo ruhayagiza Igihugu ni «Burundi bwacu».
Ikimangu ca Repuburika y’Uburundi gishingwa n’ibwirizwa.
Ingingo ya 12
Ibwirizwa ni ryo rishinga uburyo umuntu aronka ubwenegihugu, abugumya canke abutakaza.
Abana bavuka ku Barundi canke ku Barundikazi baranganya uburenganzira imbere y’Ibwirizwa rigenga ubwenegihugu.
Ingingo ya 13
Abarundi bose baranganya iteka n’ivyo bakwiye kuronka. Abenegihugu bose baranganya agateka kandi amabwirizwa abakingira kumwe. Nta murundi n’umwe azokumirwa mu vyerekeye imibano, ubutunzi canke intwaro y’igihugu kubera ibara ry’urukoba rwiwe, ururimi, idini, igitsina canke ubwoko bwiwe.
Ingingo ya 14
Abarundi bose barafise uburenganzira bwo kuba mu Burundi mu mahoro no mu mutekano. Bategerezwa kubana ata nkomanzi, bakubahiriza iteka rya zina muntu, bakihanganiranira mu budasa bwabo.
Ingingo ya 15
Reta ishimikira ku gushaka kw’Abarundi, ni bo bayigenzura kandi ikubahiriza ukwishira n’ukwizana hamwe n’agateka ngenderwako kabo.
Ingingo ya 16
Reta y’Uburundi itegerezwa kuringanizwa ku buryo Abarundi bose bayiserukirwamwo na yo ikabaserukira bose ; Abarundi bose baranganya uburenganzira bwo kuja mûri Reta ; abenegihugu bose barafise uburenganzira bwo gushikira abo bakeneye bajejwe imirimo ya Reta kandi ingingo n’ibirangurwa na Reta bigashigikirwa na benshi.
Ingingo ya 17
Reta ijejwe gukora ivyo Abarundi bipfuza, cane cane kurandurana n’imizi amacakubiri yo mûri kahise, kuronsa Abarundi bose akarusho mu buryo babayeho kandi ikishinga ko Abarundi bose bashobora kuba mu Burundi ata bwoba, ata gukumirwa, bagakingirwa indwara n’inzara.
Ingingo ya 18
Igikorwa intwaro y’igihugu ijejwe ni uguhuza Abarundi, kwizigiza no kunywanisha Abarundi bose, ikaraba ko Reta iriko irakora ku neza y’Abarundi, bo soko ry’ububasha n’ubutegetsi bwayo.
Reta irubahiriza ubwigenge bw’izindi nzego, igashira imbere amategeko, ibiranga intwaro ibereyen’ukurangura ku mugaragaro amabanga y’igihugu.
Ingingo ya 19
Amateka n’ibitegerejwe vyatangajwe bigakingirwa n’amasezerano y’isi yose yerekeye agateka ka zina muntu Uburundi bwemeje biri mu bigize iri Bwirizwa Shingiro.
Ingingo ya 20
Abenegihugu bose barafise ivyo bafitiye uburenganzira n’ivyo bategerejwe.
Ingingo ya 21
Iteka ry’umuntu wese rirasonerwa kandi rirakingirwa. Uguhonyanga iteka ly’umuntu wese birahanwa n’Igitabu c’amategeko mpanavyaha.
Ingingo ya 22
Abenegihugu bose barangana imbere y’amategeko kandi akabakingira kumwe.
Nta muntu n’umwe ashobora gukumirwa kubera amamuko yiwe, ibara îy’urukoba rwiwe, ubwoko bwiwe, igitsina ciwe, ururimi avuga, uko abayeho mu gihugu, idini ryiwe, ivyiyumviro nyamukuru vyiwe ku vyerekeye ubuzima canke intwaro y’igihugu canke kubera ubumuga canke kubera ko afise umugera wa SIDA canke iyindi ndwara iyo ari yo yose idakira.
Ingingo ya 23
Nta muntu n’umwe azorenganywa na Reta canke inzego zayo.
Reta itegerezwa gushumbusha umuntu uwo ari we wese yarenganijwe bivuye kuri yo canke bivuye ku nzego zayo.
Ingingo ya 24
Umuntu wese arafise uburenganzira bwo kubaho.
Ingingo ya 25
Umuntu wese arafise uburenganzira bwo kwishira no kwizana mu buzima bwiwe nko kudasinzikarizwa amagara ku mubiri canke mu mutwe kandi akagira uburengazira bwo kuja iyo ashaka. Nta muntu n’umwe ashobora gusinzikarizwa ubuzima, ngo afatwe nk’inyamaswa canke akurweko agateka.
Ingingo ya 26
Nta muntu n’umwe azogirwa umuja canke umushumba. Ubuja n’ugucuruza abaja mu buryo ubwo ari bwo bwose birabujijwe.
Ingingo ya 27
Reta iritaho mu buryo bwose bushoboka ko abenegihugu baronka uburyo bukwiye bwo kubaho bubereye zina muntu.
Ingingo ya 28
Umuntu wese arafise uburenganzira bwo kwubahirizwa mu kwigenga mu buzima bwiwe n’ubwo umuryango wiwe, mu rugo rwiwe no mu vyo ayaga n’abandi bimwega.
Ingingo ya 29
Uburenganzira bwo kwabirana burubahirizwa, co kimwe no kwitorera uwo mwabirana. Ukwabirana bishoboka iyo abashaka kwabirana bavyiyemereye ata gahato.
Ukwabirana kw’abafise ibitsina bisa birabujijwe.
Ingingo ya 30
Urugo ni rwo shingiro kamere ry’igihugu. Ukwabirana ni yo nkingi yarwo yemewe n’amategeko. Reta irakingira bidasanzwe ingo n’imiryango.
Abavyeyi basanganywe uburenganzira kama bwo kurera neza abana babo kandi barabitegerezwa. Mu kurangura iryo banga bashigikirwa n’igihugu n’ibisata vyaco.
Urugo n’imiryango, mbere n’igihugu cose bitegerezwa gukingira bimwe bidasanzwe abana bivanye n’uko batarashika mu bigero.
Ingingo ya 31
Umuntu wese arafise uburengenzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro vyiwe. Reta irubahiriza ubwigenge bw’umuntu bw’ukuja mw’idini ashaka, bw’ukwiyumvira n’ugukurikiza umutimanama wiwe.
Ingingo ya 32
Ubwigenge bwo gutunganya inama no kuja hamwe n’abandi co kimwe n’ugushinga amashirahamwe, birubahirizwa hisunzwe amabwirizwa.
Ingingo ya 33
Abarundi bose barafise uburenganzira bwo kuja no kugerera ata nkomanzi aho ari ho hose mu Burundi, kuhimuka canke kuhagaruka.
Ingingo ya 34
Nta muntu n’umwe ashobora kwakwa ubwenegihugu canke ububasha bwo kubuhindura.
Ingingo ya 35
Reta irabungabunga kandi igakoresha mu buryo bubereye amatungo kama y’igihugu itibagiye kwubahiriza ibidukikije no kubungabunga ayo matungo ku neza y’abazovuka mu nyuma.
Ingingo ya 36
Umuntu wese afise uburenganzira bwo kuganza ivyiwe bimwegukira.
Ntawushobora kwakwa ubwo burenganzira, kiretse ku neza y’igihugu, ku vyavuzwe bikongera bigategekanywa n’amategeko kandi abanje gushumbushwa bikwiye, kiretse iyo ari ugukurikiza urubanza rwabaye ntabanduka.
Ingingo ya 37
Uburenganzira bwo gushinga amashirahamwe aharanira ineza y’abakozi no kuyajamwo hamwe n’uburenganzira bwo guhagarika imirimo buremewe. Ibwirizwa ni ryo ritegekanya ingene ubwo burenganzira bukoreshwa kandi rigashobora kubuza imigwi imwimwe y’abakozi guhagarika imirimo.
Uko biri kwose, abasirikare n’abaporisi ntibarekuriwe kugira ubwo burenganzira.
Ingingo ya 38
Umuntu wese, mu rubanza rwa Sentare canke rwo mu ntwaro, arafise uburenganzira bwo kwumvirizwa bikwiye ata karenganyo kandi agacirwa urubanza mu kiringo gikwiye, cumvikana.
Ingingo ya 39
Nta muntu n’umwe ashobora kwakwa ubwigenge bwiwe, kiretse birekuwe n’amategeko.
Nta muntu n’umwe ashobora gukurikiranwa, gufatwa, gupfungwa canke gucirwa urubanza, kiretse mu bihe bitegekanijwe n’ibwirizwa ryatangajwe imbere yuko ivyaha yagirizwa bikorwa.
Uburenganzira bw’ukwiregura burubahirizwa imbere ya sentare zose.
Ntawushobora kubuzwa ku gahato kuburana imbere ya sentare ibwirizwa ritegekanya.
Ingingo ya 40
Umuntu yagirijwe icaha afatwa nk’umwere gushika yagire icaha hakurikijwe amategeko mu ntahe y’icese kandi yaronse uburyo bukwiye bw’ukwiregura.
Ingingo ya 41
Ntawushobora guhanwa kubera ivyo yakoze canke ivyo yirengagije kandi bitafatwa nk’ivyaha igihe yabikora.
Vyongeye, umuntu ntashobora guhabwa igihano kirengeye icari gitegekanijwe igihe yakora icaha kimwagiriye.
Ingingo ya 42
Nta n’umwe ashobora kwakwa umwidegemvyo hadakurikijwe uko amabwirizwa abitegekanya kiretse iyo umutekano ushobora guhungabana canke iyo igihugu kigeramiwe.
Ingingo ya 43
Ntawushobora kwisuka mu biraba ubuzima bw’uwundi, mu rugo rwiwe, mu twiwe n’abiwe no mu makete yanditse n’ayo yandikiwe, canke ngo akurweko agateka hadakurikijwe amategeko.
Ntawushobora gutegeka gusaka canke kwitera mu nzu y’umuntu atisunze amabwirizwa abitegekanya. Amabwirizwa arategekanya ingene amabanga ari mu makete no mu bundi butumwa yubahirizwa.
Ingingo ya 44
Umwana arafise bw’ukubungabungwa no kworoherezwa kurusha uko abayeho mu vyerekeye amagara yiwe, umutekano wiwe, ukudafatwa bunyamaswa, ugucurwa bufuni na buhoro canke gukoreshwa ku nguvu. Ku bw’ivyo, harafatwa ingingo zose zikwiye z’ukuvyubahiriza. wese uburenganzira
Ingingo ya 45
Birabujijwe ko umwana uwo ari we wese akoreshwa mu vy’urugamba. Mu gihe c’intambara, abana bategerezwa gukingirwa.
Ingingo ya 46
Birabujijwe gupfunga umwana kiretse ata kundi vyogenda, na ho nyene agapfungwa igihe gito gishoboka. Umwana wese apfunzwe ategerezwa gutandukanywa n’imbohe zirenza imyaka cumi n’itandatu y’amavuka kandi agafatwa mu buryo bukwiranye n’imyaka yiwe.
Ingingo ya 47
Ikintu cose kigabanya amateka ntarengwako gitegerezwa kuba gishimikiye kw’ibwirizwa; imvo yaco igatumwa n’ineza ya bose canke ugukingira amateka ntarengwa y’abandi, kikaba gikwiranye n’ineza ironderwa.
Ingingo ya 48
Amateka ngenderwako ategerezwa kwubahirizwa mu bisata vyose vy’ubutungane, vy’intwaro hamwe n’inzego zose z’igihugu. Ibwirizwa Shingiro ni ryo risumba ayandi yose kandi urwego nshingamateka, urwego nshikiranganji n’urwego rw’ubutungane zitegerezwa kuryubahiriza. Ibwirizwa ryose riteye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro riba impfagusa.
Ingingo ya 49
Nta mwenegihugu n’umwe ashobora kwangazwa.
Ingingo ya 50
Umuntu ahungiye mu Burundi arakirwa hakurikijwe amabwirizwa.
Nta Murundi n’umwe ashobora gushirwa mu minwe y’ubutungane bw’ikindi gihugu kiriko kiramukurikirana.
Ingingo ya 51
Umurundi wese arafise uburenganzirabw’ukugirauruhara mu vyerekeye itunganywa ry’ivy’igihugu, yiserukiye we nyene canke aciye ku bamuserukira ariko bidateye kubiri n’amabwirizwa abitegekanya nk’ayerekeye imyaka y’amavuka n’ayerekana ababikwiye.
Umurundi wese arashobora kandi gushingwa amabanga y’igihugu ciwe.
Ingingo ya 52
Umuntu wese akwiye kuronka ibimufasha mu mateka yerekeye ubutunzi, imibano, imico bikenewe kugira ngo yiteze imbere, aronke iteka rimukwiye bivuye ku kigoro k’igihugu kandi hisunzwe uburyo igihugu gifise.
Ingingo ya 53
Umwenegihugu wese arafise uburenganzira bungana n’ubw’abandi bwo guhabwa inyigisho, indero no kubaho yisunze imico kama n’akaranga vy’igihugu ciwe.
Reta itegerezwa gutunganya inyigisho mu mashuri yayo ikanorohereza abakeneye kuyajamwo.
N’aho biri uko, uburenganzira bwo gushinga amashure y’abigenga buremewe hisunzwe amabwirizwa.
Ingingo ya 54
Reta iremera ko abenegihugu bose bafise uburenganzira bwo kuronka akazi igakora uko ishobora kwose kugira ishireho ibikenewe bituma ubwo burenganzira bushobora kuja mu ngiro. lrubahiriza ko umukozi wese aronka impembo ikwiranye n’akazi akora canke umwimbu wiwe kandi akabaho mu buryo bwiza kandi bushimishije.
Ingingo ya 55
Umuntu wese arafise uburenganzira bwo kuvurwa ,
Ingingo ya 56
Reta itegerezwa kwitaho iterambere ry’igihugu canecane iterambere îy’ahatari mubisagara.
Ingingo ya 57
Abantu bose bategerezwa kuronka impembo ingana iyo bakora akazi kamwe kandi babishoboye kumwe.
Ingingo ya 58
Umuntu wese ategerezwa kwubahirizwa mu bikorwa aranguye bimutera iteka canke bikamugirira akamaro, vyaba ivyo ahinguye, mu vyo yanditse canke mu vy’utugenegene yakoze ubwiwe.
Ingingo ya 59
Umunyamahanga wese aba mu Burundi ategerezwa gukingirwa mu buzima bwiwe no mu matungo yiwe nk’uko ibwirizwa ribitegekanya.
Ingingo ya 60
Urwego rw’ubutungane ari na rwo rukingira agateka n’ubwigenge vy’abantu, ruracungera iyubahirizwa ryayo nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa.
Ingingo ya 61
Nta muntu n’umwe ashobora kwitwaza ivyo arekuriwe n’Ibwirizwa Shingiro canke amabwirizwa kugira ngo ahungabanye ubumwe bw’Abarundi, amahoro, intwaro rusangi, ukwikukira kw’Uburundi, ace kubiri n’ ingendo ishinga ko igihugu kitegamiye idini na rimwe canke ngo arenge mu bundi buryo bwose iri Bwirizwa shingiro.
Ingingo ya 62
Umuntu wese ategerezwa kwubaha abo basangiye igihugu, akabereka ko abasonera ata gukumira.
Ingingo ya 63
Umwegihugu wese arafise ibikorwa ategerezwa kurangurira umuryango wiwe n’abandi bantu, igihugu n’ibisata vyaco.
Ingingo ya 64
Umurundi wese ategerezwa kwama abungabunga kandi akomeza ubumwe mu gihugu yisunze Amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi.
Ingingo ya 65
Umuntu wese ategerezwa kwubaha amabwirizwa n’inzego z’Igihugu.
Ingingo ya 66
Umurundi wese ategerezwa gushigikira iterambere ry’umuryango wiwe n’ugukora atiziganya kugira ngo uwo muryango ugume ufatanye mu nda kandi ugumane icubahiro. Ategerezwa kwama asonera abamwibarutse, akabaronsa imfugurwa, akabafasha, akabaraba igihe cose bikenewe.
ïngingo ya 67
Umuntu wese ategerezwa gusonera no guha icubahiro abandi ata gucagura, no gukomeza imigenderanire iteza imbere kandi igatsimbataza ugusoneranira n’ukwihanganiranira.
ïngingo ya 68
Umurundi wese, mu mibano yiwe n’abandi, ategerezwa kwama yigenza neza ku buryo akingira akongera agakomeza imico kama n’akaranga vy’igihugu. Ategerezwa kandi guterera agacumu k’ubumwe mu kwubaka igihugu c’iteka n’ubuntu.
ïngingo ya 69
Amatungo y’igihugu ategerezwa gusonerwa no kwubahirizwa. Umuntu wese ategerezwa kuyitwararika n’ukuyakingira. Umurundi wese ategerezwa guhagararira amatungo y’igihugu.
Umuntu wese yononyeitunga ry’igihugu, mu kumenagura canke mu gusambura, mu kurya ibiturire, mu kunyuruza, mu gusesagura canke akoresheje ubundi buryo ubwo ari bwo bwose bw’ukwonona amatungo y’igihugu arahanwa hakurikijwe ibwirizwa.
ïngingo ya 70
Abenegihugu bose bategerezwa kurangura ivyo vyose igihugu kibakeneyeko n’ukukirwanira.
Umuntu wese ategerezwa gukorera ineza ya bose kandi akarangura imirimo ajejwe.
Abenegihugu bose bategerezwa gutanga intererano igihugu kibaronderako. Amabwirizwa ni yo yonyene arekurira umuntu kutayitanga.
Reta irashobora gusaba ko abantu bose batabara iyo hateye ikiza mu gihugu.
ïngingo ya 71
Umurundi wese ashinzwe canke yatorewe amabanga y’igihugu ategerezwa kuyarangurana umutimanama, ubuntu, ubwira n’ ubugamburutsi ku neza ya bose.
ïngingo ya 72
Umurundi wese ategerezwa gukingira intahe y’ukwikukira n’imbibe z’igihugu.
Umurundi wese ategerezwa kwama agavye kandi agaterera agacumu k’uburawe mu kurwanira igihugu c’amavukiro.
Umurundi wese n’umunyamahanga wese aba mu Burundi ategerezwa kwirinda guhungabanya umutekano w’igihugu.
Ingingo ya 73
Umuntu wese ategerezwa guterera agacumu k’ubumwe mu kubungabunga amahoro, intwaro rusangi n’ubutungane kuri bose.
Ingingo ya 74
Umurundi wese, mu bikorwa vyiwe, ategerezwa guterera agacumu k’ubumwe mu kwubaka no mu guteza imbere igihugu.
Ingingo ya 75
Imigambwe myinshi iremewe mu Burundi.
Ingingo ya 76
Imigambwe irashobora gushingwa ata nkomanzi hakurikijwe amabwirizwa. Ibwirizwa ni ryo ritegekanya ingene imigambwe yemererwa.
Ingingo ya 77
Umugambwe ni ishirahamwe ry’abantu badaharanira inyungu z’amahera, rihuza abenegihugu bafise imigambi irashe y’ukwubaka igihugu kirangwa n’intwaro rusangi ishimikiye ku bumwe bw’Abarundi, rikaba rifise imigambi ryisangije n’intumbero zitomoye, rigaharanira ineza n’iterambere rya bose n’ukubaho neza kw’abenegihugu bose.
Ingingo ya 78
Mw’itunganywa ryayo n’ingene ikora, imigambwe itegerezwa kwisunga ingingo ngenderwako ziranga intwaro rusangi. Itegerezwa kwugururirwa Abarundi bose, bikagaragarira mu rwego nyobozi. Kirazira ko ishira imbere ugukoresha igikenye, ugukumira n’urwanko mu buryo ubwo ari bwo bwose, nk’ugufatira ku moko, intara, idini canke igitsina.
Ingingo ya 79
Imigambwe n’inam z’imigambwe bitegerezwa gukora ku buryo mu matora umuntu atora uko ashaka, igakora ivya poritike mu gihugu hadakoreshejwe igikenye, biciye mu mahoro.
Ingingo ya 80
Ibwirizwa rirubahiriza imigambwe kugira ngo inzego za Reta ntizisuke mw’itunganywa ry’imigambwe, kiretse iyo ari ukubuza ibijanye n’urwanko rushimikiye ku moko, kuri poritike, intara, idini canke igitsina n’ukubungabunga umutekano.
Ingingo ya 81
Imigambwe irashobora kugira urunani rw’imigambwe mu gihe c’amatora mu buryo butegekanijwe n’Ibwirizwa rigenga amatora.
Ingingo ya 82
Abari mu nzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano hamwen’abacamanzan’abashikirizamanzantibarekuriwe kwinjira mu migambwe igihe bakirangura ayo mabanga.
Ingingo ya 83
Birabujijwe ko imigambwe ihabwa imfanshanyo ivuye mu mahanga, kiretse ibwirizwa ribitangiye uruhusha rudasanzwe.
Imfashanyo iyo ari yo yose yoshobora kubangamira ukwikukira kw’igihugu n’ukukibuza kwitunganiriza ivyaco irabujijwe.
Ibwirizwa ni ryo ritomora kandi rikaringaniza aho imfashanyo z’imigambwe zikomoka.
Ingingo ya 84
Mu ntumbero yo gutsimbataza intwaro rusangi, ibwirizwa rirashobora kurekurira imigambwe kuronka imfashanyo ku rugero bungana, hakurikijwe igitigiri c’intebe iyo migambwe ifise mu Nama Nshingamateka. Iyo mfashanyo ishobora kuba ari iyo gufasha imigambwe mw’irangurwa ry’ibikorwa vyayo vya misi yose canke mu gihe c’ukwiyamamaza mu matora, kandi itangwa ku mugaragaro.
Ubwoko bw’imfashanyo n’ukworoherezwa Reta ishobora kwemerera imigambwe bitomorwa n’ibwirizwa.
Ingingo ya 85
Ingene imigambwe ishingwa, ingene ikora n’ingene ihagarika ibikorwa vyayo bitegekanywa n’ibwirizwa.
Ingingo ya 86
Ibwirizwa riratomora ingene uwitoza ku giti ciwe arangura amabanga ya poritike n’ingene ayarangiza. Uko biri kwose, abitoza ku giti cabo ntibarekuriwe kugira inani.
Ingingo ya 87
Uburenganzira bwo gutora burubahirijwe.
Ingingo ya 88
Amatora aba mu mwidegemvyo, ku mugaragaro, hakurikijwe amategeko. Ibwirizwa rigenga amatora ni ryo ribitomora.
Ingingo ya 89
Amatora aringanizwa mu butungane ata nkunzi, ku rwego rw’igihugu, urw’amakomine, ku rwego rw’imitumba, ku rwego rw’amakaritiye no ku zindi nzego zitegekanijwe n’ibwirizwa.
Ingingo ya 90
Umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu gihugu cose urubahiriza ata guhengama ko abantu batora mu mwidegemvyo ata gitsure.
Ingingo ya 91
Uwo mugwi ugizwe n’abantu indwi bigenga.
Abawugize bagenwa n’Itegeko ry’Umukuru w’Igihugu babanje kwemerwa n’abashingamateka n’abakenguzamateka ku majwi arenga icakabiri c’abatoye, bamwe bose batora ukwabo.
Ingingo ya 92
Uwo mugwi ujejwe amabanga akurikira :
Ingingo ya 93
Umukuru w’Igihugu ni we arongora ubutegetsi nshingwabikorwa. Yunganirwa n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu mu kurangura amabanga ashinzwe.
Ingingo ya 94
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ni ryo rishinga agahembo, uburusho n’ubundi buryo bihabwa Umukuru w’Igihugu, Icegera c’Umukuru w’Igihugu, Umushikiranganji wa Mbere n’abandi Bashikiranganji kandi rigatomora ibikorwa bitabangikana n’ayo mabanga. Riratomora kandi ivyerekeye gutegekanirizwa kazoza kabo.
Ingingo ya 95
Igihe batanguye kurangura amabanga bashinzwe n’igihe bayarangije, Umukuru w’Igihugu, Icegera c’Umukuru w’Igihugu, Umushikiranganji wa Mbere n’abagize urwego nshikiranganji bategerezwa kumenyesha vy’ukuri amatungo yabo mu rwandiko bashikiriza Sentare ntahinyuzwa.
Ingingo ya 96
Umukuru w’Igihugu ni we nkingi y’ubumwe bw’Abarundi, aritwararika ko Ibwirizwa Shingiro ryubahirizwa, akarazwa ishinga n’uko ubuzima bw’igihugu bubandanya kandi ko inzego z’igihugu ziguma zikora neza.
Umukuru w’Igihugu ni we nkinzo y’intahe y’ukwikukira n’imbibe z’igihugu kandi ni we yubahiriza amasezerano Uburundi bugiriranira n’amakungu.
Ingingo ya 97
Umukuru w’Igihugu yitorerwa n’Abarundi bo nyene ubwabo, akamara mûri iryo banga ikiringo c’imyaka indwi gishobora kwisubiriza.
Ntawushobora kurongora igihugu mu biringo birenga bibiri bikurikirana.
Ingingo ya 98
Uwitoza mu mabanga y'Umukuru w’Igihugu ategerezwa:
Vyongeye, uwitoza mu mabanga y’Umukuru w’Igihugu ategerezwa kuba atigeze yagira icaha gikomeye canke gisanzwe co mu mategeko rusangi gihanishwa igihano gitegekanywa n’ibwirizwa rigenga amatora.
Ibwirizwa rigenga amatora ni ryo ritomora ikiringo uwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu azoba amaze kuva ahejeje igihano kugira ngo yemererwe kwitoza.
Ingingo ya 99
Abitoza mw’ibanga ry’Umukuru w’Igihugu bashobora gushikirizwa n’imigambwe yabo canke inani z’imigambwe canke bakitoza ku giti cabo.
Uwushobora kwitoza ku giti ciwe ni uwiyandikisha ngo yitoze amaze n’imiburiburi umwaka umwe atari mu mugambwe n’umwe, akavyerekana biciye mu kutisuka mu mpari z’imigambwe zihari mu gushikiriza imigambi yiwe ijanye n’amatora.
Uwuri mu barongoye umugambwe ashobora kwitoza ku giti ciwe ari uko harangiye imyaka ibiri akuwe mûri ayo mabanga canke atanze imihoho mu mugambwe yari arimwo.
Ingingo ya 100
Uwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu ategerezwa guhagarikirwa n’umugwi w’abantu amajana abiri atoye mu moko yose n’ibitsina vyose.
Abo bantu bamuhagarikira bategerezwa kuba bakwije ibisabwa abashaka kwitoza mw’ibanga ry’abashingamateka.
Ingingo ya 101
Amabanga y’Umukuru w’Igihugu ntashobora kubangikanywa n’ayandi mabanga y’igihugu umuntu aronka biciye mu matora, n’uwundi murimo w’igihugu canke umwuga uwo ari wo wose.
Ingingo ya 102
Igihe uwitoza mu mabanga y’Umukuru w’igihugu yatowe yari asanzwe ari umukozi wa Reta, aca aba arabangiriye kurangura iyo mirimo kuva aho ivyavuye mu matora bitangarijwe.
Mu gihe yari asanzwe akora akandi kazi atari aka Reta, agahemberwa canke atagahemberwa, yikorera canke akorera uwundi, aca ahagarika akazi ako ari ko kose kuva aho ivyavuye mu matora bitangarijwe.
Ingingo ya 103
Mw’itora ry’Umukuru w’Igihugu, uwutora atora izina rimwe mu bitoje kandi hategekanijwe incuro zibiri. Umukuru w’Igihugu atorwa yemejwe n’amajwi arenga ica kabiri c’abatoye.
Iyo mu bitoje ata n’umwe yashikanye ayo majwi, haca haba irindi tora mu minsi cumi n’itanu.
Abemerewe gusubira kwitoza ni babiri ba mbere bonyene barushije abandi amajwi. Hagize umwe mûri abo yikumira, asubirirwa n’uwarushije abandi amajwi mu basigaye.
Mûri iryo tora rya kabiri, uwarushije uwundi amajwi ni we yemezwa mw’ibanga ryo kurongora igihugu.
Ingingo ya 104
Umukuru w’Igihugu atangura kurangura amabanga yiwe kuva umunsi arahiriyeko. Ikiringo ciwe kirangira umunsi uwatowe ngo amusubirire ashikirijwe amabanga ajejwe.
Itora ry’Umukuru w’Igihugu rikurikira ritunganywa mu gihe kitari munsi y’ukwezi kumwe kandi kitarenza amezi atatu imbere y’uko ikiringo c’Umukuru w’Igihugu ari mu mabanga kirangira.
Ingingo ya 105
Iyo Umukuru w’Igihugu yiyandikishije ngo asubire kwitoza ntashobora kubogoza Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka.
Kuva umunsi bitangajwe ko yiyandikishije gushika ku munsi w’itora, Umukuru wigihugu ntashobora gushinga amategekobwirizwa nk’uko birekuwe n’ingingo ya 200 y’iri Bwirizwa shingiro.
Iyo bikenewe, Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka ziratumwako mu nama idasanzwe.
Ingingo ya 106
Ibwirizwa rigenga amatora riratomora izindi ngingo zerekeye itorwa ry’Umukuru w’Igihugu.
Ingingo ya 107
Igihe atanguye kurangura amabanga y’igihugu, Umukuru w’Igihugu ararahira icese indahiro ikurikira, ikakirwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro, avuga ati :
« Imbere y’IMANA Mushoboravyose, imbere y’Abarundi bose bo bene igihugu, jewe (akavuga izina ryiwe) Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, ndarahiye ko ntazotirigana ku Masezerano y’Ubumwe bw’Abarundi, kw’Ibwirizwa Shingiro rya Repuburika y’Uburundi n’ayandi mabwirizwa kandi ndemeye ko nzoharanira ntiziganya ineza y’Uburundi n’Abarundi, nkubahiriza ubumwe bw’Abarundi, amahoro n’ubutungane kuri bose. Ndemeye kurwanya ivyiyumviro n’ingendo y’ihonyabwoko n’ugukumirana, guharanira no guteza imbere agateka ka zina muntu n’ak’abenegihugu bose no kwubahiriza imbibe n’ukwikukira kwa Repuburika y’Uburundi ».
Ingingo ya 108
Umukuru w’Igihugu arafise ububasha bwo gushinga amategekokandiakubahirizaikurikizwa ry’amabwirizwa. Akoresha ubwo bubasha mu gushinga amategeko ashirwako umukono, bikenewe, n’Umushikiranganji wa Mbere hamwe n’Umushikiranganji vyerekeye.
Nta wundi mukono ukenewe iyo Umukuru w’Igihugu ashinze Itegeko yisunze ingingo ya 111, 114, 115, 116, 202, 203, 284 n’iya 285 z’iri Bwirizwa Shingiro.
Ingingo ya 109
Umukuru w’Igihugu, abishikirijwe n’ Umushikiranganji wa Mbere, ni we agena akongera akabogoza abagize Reta abanje kugisha inama Icegera c’Umukuru w’Igihugu.
Ingingo ya 110
Umukuruw’IgihuguniwearongoralnamaNshikiranganji.
Ingingo ya 111
Umukuru w’Igihugu ni we Kizigenza mu ntwaramiheto no mu bajejwe umutekano. Ni we afata ingingo yo kugomora ingabo akongera agashira umukono ku masezerano yo guhagarika ingwano abanje kugisha inama Urwego Nshikiranganji, Ibiro vy’Inama Nshingamateka, n’Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka hamwe n’Inama Nkuru y’igihugu ijejwe umutekano.
Ingingo ya 112
Umukuru w’Igihugu ni we agena abakozi bakurubakuru.
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ni ryo ritomora imigwi y’imirimo y’abavugwa mu gahimba ka mbere k’iyi ngingo.
Igenwa mu mabanga ahambaye nk’uko bitomowe mu gahimba k’icenda k’ingingo ya 192 y’iri Bwirizwa Shingiro ntirishobora gukurikizwa ritemejwe n’Inama Nkenguzamateka.
Ingingo ya 113
Umukuru w’Igihugu ni we agena akongera akabogoza abaserukira Uburundi n’izindi ntumwa mu makungu;
Ingingo ya 114
Umukuru w’Igihugu arafise ububasha bwo kugirira ikigongwe abaciriwe ibihano mu manza z’ivyaha.
Ingingo ya 115
Umukuru w’Igihugu ni we atanga ibidari vy’iteka n’ibindi bimenyetso biranga abatewe iteka n’igihugu.
Ingingo ya 116
Mu gihe inzego z’igihugu, ukwikukira kwaco, imbibe zaco canke ikurikizwa ry’amasezerano gifitaniye n’amakungu bigeramiwe cane, kandi inzego nshingwantwaro z’igihugu zikaba zitagikora, Umukuru w’Igihugu arashobora gushiraho Itegekobwirizwa rishinga ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe, agafata n’ingingo zose abona ko zikenewe abanje guhanuza icese urwego nshikiranganji, abarongoye ibiro vy’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka, Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano hamwe na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro.
Arabimenyesha mw’ijambo ashikiriza Igihugu. Izo ngingo zitegerezwa gufatira mu ntumbero y’ukworohereza inzego zose z’igihugu mu maguru masha mu mabanga zijejwe.
Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro irahanuzwa kuri izo ngingo.
Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka ntizishobora kubogozwa mu kiringo Umukuru w’Igihugu atwara yishimikije ubwo bubasha aronka mu gihe igihugu kiri mu bihe bidasanzwe.
Ingingo ya 117
Umukuru w’Igihugu ntashobora gukwirikiranwa n’Ubutungane kubera ivyo yakoze mu kurangura amabanga yashinzwe kiretse iyo yahemukiye igihugu.
Umukuru w’Igihugu ahemuka iyo aciye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro canke amabwirizwa, agakora n’impaka ibiteye kubiri n’ineza y’igihugu bihungabanya bimwe bikomeye ubumwe bw’Abarundi, amahoro mu gihugu, ubutungane kuri bose, iterambere ry’igihugu, canke bityoza cane agateka ka zina muntu, bibangamira imbibe z’igihugu n’ukwikukira kw’igihugu.
Sentare Nkuru y’Ubutungane ni yo ifise ububasha bwo guca imanza z’icaha co guhemuka.
Umukuru w’Igihugu ashengezwa n’Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zikoranye, iyo ngingo igashingwa yemejwe n’ibice bibiri vya bitatu vy’abagize izo nzego biciye mu matora yabaye mu mwiherero.
Itohozwa ritegerezwa kugirwa n’umugwi w’abashikirizamanza bakukira Sentare Ntahinyuzwa batari munsi ya batatu, barongowe n’Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika.
Ingingo ya 118
MugihelnamaNshingamatekan’InamaNkenguzamateka’ zimaze gutangura igikorwa c’ugushengeza Umukuru w’Igihugu, Umukuru w’Igihugu ntashobora kuzibogoza urubanza rutarahera.
Ingingo ya 119
Kiretse ingingo Umukuru w’Igihugu arekuriwe gufata ubwiwe ata we abajije, izindi ngingo afata zirashobora kwitwarirwa mûri sentare zibifitiye ububasha.
Ingingo ya 120
Ikiringo co kurangura amabanga yiwe kirangiye, Umukuru w’Igihugu arategekanirizwa agahembo ko gukukuruka, hamwe n’utundi turusho no kumworohereza nk’uko amategeko abitegekanya, kiretse iyo yagiriwe n’icaha co guhemukira igihugu.
Ingingo ya 121
Igihe atariho ari canke hagize ikimufatira cane, Umukuru w’Igihugu asubirirwa n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu, akarangura mu kibanza ciwe amabanga asanzwe ya minsi yose, na we atabaye hafi agasubirirwa n’Umushikiranganji wa Mbere.
Mu gihe Umukuru w’Igihugu atanze imihoho, asandavye canke hari iyindi mvo iyo ari yo yose imubuza kuba akirangura amabanga ajejwe;mu kurindira uwundi mushasha, asubirirwa n’Umukuru w’Inama Nshingamateka; uwo na we atahabaye, agasubirirwa n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu agafashanya n’Urwego Nshikiranganji.
Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro, ibisabwe n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu afadikanije n’Urwego Nshikiriranganji, ni yo yemeza ko igihugu kitagifise Umukuru waco.
Uwusubiriye Umukuru w’Igihugu mu kiringo c’imfatakibanza ntashobora gushinga Reta nshansha.
Icegera c’Umukuru w’Igihugu n’Urwego nshikiranganji bafatwa nk’uko batanze imihoho; nta ngingo bashobora gufata atari ukurangura imirimo ibayabaye ya minsi yose gushika hashinzwe Reta nshasha.
Hatabaye ingorane ikomeye ngo Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ivyemeze, itora ry’uwundi Mukuru w’Igihugu riba mu gihe kitari munsi y’ukwezi kumwe kandi kitarenga amezi atatu mu nyuma y’ingingo ishinga ko igihugu kitagifise Umukuru waco.
Ingingo ya 122
Mu kurangura amabanga y’igihugu, Umukuru w’Igihugu yunganirwa n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu.
Ingingo ya 123
Icegera c’Umukuru w’Igihugu agenwa n’Umukuru w'Igihugu abanje kwemezwa n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka ku majwi arenga ica kabiri c’abatoye, urwego rwose rutorera ukwarwo. Icegera c’Umukuru w'Igihugu agomwa mu batowe kandi akaba afise gusa ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye.
Arashobora kubogozwa mu mabanga ajejwe n’Umukuru w’gihugu.
Ingingo ya 124
Umukuru w'Igihugu ava mu bwoko canke mu migambwe, mu nani z’imigambwe canke mu bitoje ku giti cabo bitandukanye n’ivy’Icegera c’Umukuru w'Igihugu.
Ingingo ya 125
Abicishije mw’itegeko, Umukuru w'Igihugu arashobora gutuma Icegera c’Umukuru w'Igihugu kurongora Inama Nshikiranganji ku biri ku rutonde rutomoye rw’ivyihwezwa.
Mu gihe Icegera c’Umukuru w'Igihugu afatiriwe, Umukuru w'Igihugu arashobora, abicishije mw’itegeko gushinga ico gikorwa Umushikiranganji wa Mbere.
Ingingo ya 126
Igihe c’ugutangura kurangura amabanga y’igihugu, Icegera c’Umukuru w'Igihugu ararahira icese mu buryo bukurikira, iyo ndahiro ikakirwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro, imbere y’Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zikoranye, avuga ati:
«Imbere y’IMANA Mushoboravyose n’imbere y’Umukuru w'Igihugu, jewe (akavuga izina ryiwe). Icegera c’Umukuru w'Igihugu c’Uburundi, ndarahiye ko ntazotirigana ku Masezerano y’Ubumwe bw’Abarundi, kw’Ibwirizwa Shingiro rya Repuburika y’Uburundi n’ayandi mabwirizwa kandi ndemeye ko nzoharanira ntiziganya ineza y’Uburundi n’Abarundi, nkubahiriza Ubumwe bw’Abarundi, amahoro n’ubutungane kuri bose. Ndiyemeje kurwanya ivyiyumviro n’ingendo z’ihonyabwoko n’ugukumirana, guharanira no guteza imbere agateka ka zina muntu n’ak’abenegihugu bose no mu kwubahiriza imbibe n’ukwikukira kwa Repuburika y’Uburundi».
Ingingo ya 127
Mu gihe Icegera c’Umukuru w’Igihugu atanze imihoho, asandavye canke hari iyindi mvo iyo ari yo yose imubuza kuba akirangura amabanga ajejwe, haragenwa Icegera c’Umukuru w’Igihugu mushasha hakurikijwe uko uwo asubinye yari yagenwe, mu kiringo kitarenza iminsi mirongo itatu iharurwa kuva uwo asubiriye ahavuye.
Ingingo ya 128
Reta igizwe n’Umushikiranganji wa Mbere, n’abandi bashikiranganji. Ubwoko bwose burafise uburenganzira bwo kuja mu Rwego Nshikiranganji. Urwego Nshikiranganji rugizwe n’ibice bitarenga 60% vy’abashikiranganji b’abahutu n’ibice bitarenga 40% vy’abashikiranganji b’abatutsi. Haba harimwo n’imiburiburi ibice 30 % vy’abakenyezi.
Ingingo ya 129
Umushikiranganji wa Mbere ni we arongora Reta.
Ingingo ya 130
Ibikorwa vya Reta bikurikiranirwa hafi n’Umushikiranganji wa Mbere agenwa n’Umukuru w’igihugu, abanje kwemezwa n’abagize Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka bamwe bose bagatora ukwabo ku bice birenga ica kabiri c’abazigize.
Umushikiranganji wa Mbere ategerezwa kuba afise gusa ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye.
Ingingo ya 131
Umushikiranganji wa Mbere afata ingingo biciye mw’itegeko ry’ Umushikiranganji wa Mbere. Arafata ingingo zose z’ishirwa mu ngiro ry’amategeko y’Umukuru w’Igihugu. Abashikiranganji bashinzwe ishirwa mu ngiro ry’ayo mategeko nabo nyene barashira umukono ku mategeko y’ Umushikiranganji wa Mbere.
Ingingo ya 132
Umushikiranganji wa Mbere n’Abashikiranganji babarizwa hamwe ivyo bashinzwe imbere y ’Umukuru w’gihugu.
Umushikiranganji wa Mbere atanze imihoho ajana n’abagize Reta bose.
Ingingo ya 133
Umushikiranganji wa Mbere ni we ashinzwe kuremesha no gutunganya ibikorwa vya Reta. Umushikiranganji wa Mbere ni we akoranya inama zogutegura Inama Nshikiranganji.
Ingingo ya 134
Amategeko ntunganyabikorwa ya Reta aratomora uwuremesha ibikorwa vya Reta n’uwubikurikiranira hafi igihe Umushikiranganji wa Mbere afatiriwe.
Ingingo ya 135
Umukuru w’Igihugu agiye inama n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu be n’Umushikiranganji wa Mbere aracungera ko Umushikiranganji w’ukwivuna abansi ataba ava mu bwoko bumwe n’Umushikiranganji ajejwe umutekano.
Ingingo ya 136
Reta ni yo ishinzwe ishirwa mu ngiro ry’imigambi mikurumikuru y’igihugu yashinzwe n’Umukuru w’Igihugu.
Ingingo ya 137
Reta itegerezwa kwihweza ingingo zose nkurunkuru za poritike y’igihugu, integuro z’amasezerano hagati y’Uburundi n’amakungu, integuro z’amabwirizwa, integuro z’amategeko y’Umukuru w’Igihugu, amategeko y’Umushikiranganji wa Mbere n’amategeko nshikiranganji yerekeye ingingo ziraba bose.
Ingingo ya 138
Igihe c’ugutangura kurangura amabanga bashinzwe, abagize Urwego Nshikiranganji bararahira icese imbere y’Umukuru w’Igihugu n’imbere y’Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka, indahiro yabo ikakirwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro. Barahira mu buryo bukurikira :
«Imbere y’IMANAMushoboravyose, imbere y’Umukuru w’Igihugu, imbere y’Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka, jewe (avuga izina ryiwe n’ico ari) ndarahiye ko ntazotirigana ku Masezerano y’Ubumwe bw’Abarundi, kw’Ibwirizwa Shingiro rya Repuburika y’Uburundi n’ayandi mabwirizwa kandi ndiyemeje ko nzoharanira ntiziganya ineza y’Uburundi n’Abarundi, nkubahiriza n’ubutungane kuri bose, mu kurangura amabanga njejwe. Ndiyemeje kurwanya ivyiyumviro n’ingendo z’ihonyabwoko n’ugukumirana, guharanira no guteza imbere agateka ka zina muntu n’ako abenegihugu bose». ubumwe bw’Abarundi, amahoro
Ingingo ya 139
Abagize Reta ni bo bashinga ingingo zose zikurikiza amategeko y’Umukuru w’Igihugu n’ay’Umushikiranganji wa Mbere akurikizwa babicishije mu mategeko nshikiranganji.
Ingingo ya 140
Abagize Reta ni bo bagena canke bagashikiriza abagenwa mu mabanga y’intwaro mu gihugu hamwe n’abaserukira Uburundi mu makungu bisunze kunganisha amoko, intara, imigambwe n’ibitsina.
Ingingo ya 141
Abagize Urwego Nshikiranganji barakurikiranwa ku vyaha bakoze mu kurangura amabanga bashinzwe. Bacirwa urubanza mûri Sentare Ntahinyuzwa.
Ingingo ya 142
Amabanga y’abashikiranganji ntabangikanywa n’ayandi mabanga y’igihugu, imyuga canke imirimo y’abashingamateka n’abakenguzamateka.
Ingingo ya 143
Buramatari w’intara ni we aserukira ubutegetsi nshingwantwaro akaba n’umuhuzabikorwa w’ubuzi bwose burangurirwa mu ntara arongoye.
Buramatari w’intara arafise kandi ububasha ahabwa n’amabwirizwa n’amategeko.
Ingingo ya 144
Buramatari ategerezwa kuba ari umurundi, akaba imvukira, aturuka mu ntara agiye kurongora.
Agenwa n’Umukuru w’Igihugu abanje kwemezwa n’Inama Nkenguzamateka.
Ingingo ya 145
Abarongoye intwaro barangura amabanga bajejwe bisunze ingendo iranga intwaro msangi, ingingo ziri mûri in Bwirizwa Shingiro n’ayandi mabwirizwa.
Ingingo ya 146
Abakozi ba Reta bose barangura amabanga bajejwe mu buryo batunganiriza neza ababirukira bose ata nkunzi kandi mu butungane. Ukunyuruza amafarangay’igihugu, ukurya ibiturire, ugutoza amafaranga ku nguvu n’ugusesagura itunga ry’igihugu birahanwa hakurikijwe amategeko.
Ingingo ya 147
Intwaro y’igihugu igabanganijwe mu bushikiranganji, kandi Umushikiranganji wese aramenyesha Umukuru w’Igihugu ingene ubushikiranganji ajejwe burangura amabanga bwashinzwe n’ingene amafaranga bwagenewe akoreshwa.
Ingingo ya 148
Mu ntwaro, Abarundi bose bategerezwa kuba baserukiwe bikwiye mu budasa bwabo. Akazi gategerezwa gutangwa mu kwisunga ko abakarondera bakwije ibisabwa n’amategeko hakurikijwe ubutungane n’ukwitwararika gukosora ivyerekeye ubusumbasumbane bufatiye ku moko, intara n’ibitsina. Mu mashirahamwe ya Reta, ubwoko bw’abahutu buserukirwa ku bice bitarenga 60%, ubwoko bw’abatutsi bugaserukirwa ku bice bitarenga 40%.
Ingingo ya 149
Ibwirizwa ni ryo ritandukanya ubuzi busanzwe bw’ubuhinga n’amabanga ya poritike.
Ingingo ya 150
Nta mukozi wa Reta n’umwe canke uwo mu gisata kijejwe guca imanza afatwa neza gusumba abandi canke ngo arenganywe hafatiwe ku gitsina, ubwoko, intara canke umugambwe arimwo.
Ingingo ya 151
Ibwirizwa ni ryo ritomora abakozi bakurubakuru na batobato bo mu ntwaro bategerezwa kumenyesha amatungo yabo bagitangura kurangura amabanga bajejwe n’igihe bayavuyemwo. Riranatomora Sentare ibifitiye ububasha n’ingene ukumenyesha amatungo bikorwa.
Ingingo ya 152
Ubutegetsi nshingamateka bugizwe n’urwego rurimwo ibisata bibiri:
Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka.Abagize Inama Nshingamateka bitwa abashingamateka, abagize Inama Nkenguzamateka, bitwa abakenguzamateka .
Nta muntu n’umwe ashobora kuba umushingamateka ngo yongere abe n’ umukenguzamateka mu kiringo kimwe
Ingingo ya 153
Igihe hari umushingamateka canke umukenguzamateka yavuye mu kibanza yahoramwo, ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ni ryo ritegekanya ingene asubirirwa.
Ingingo ya 154
Abashingamateka n’abakenguzamateka baserukira igihugu cose. Uguserukira uwamutoye gusa biba impfagusa.
Umushingamateka canke umukenguzamateka atora uko avyiyumvira ku giti ciwe.
Amategeko atunganya ingene Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zikora arashobora kurekura yuko rimwe na rimwe, umushingamateka canke umukenguzamateka atuma uwumuserukira mu gutora; ariko, ico gihe ntawushobora guserukira abarenga umwe.
Ingingo ya 155
Abashingamateka n’abakenguzamateka ntibashobora gukurikiranwa canke ngo bafatwe, bapfungwe canke bacirwe urubanza kubera ivyo bavuze canke kubera ingene batoye mw’irangurwa ry’ amabanga yabo.
Kiretse iyo bakoze icaha bagafatanwa itonga, abashingamateka n’abakenguzamateka ntibashobora gukurikiranwa iyo bashashe abarongoye Ibiro vy’Inama Nshingamateka canke Inama Nkenguzamateka badatanze uruhusha.
N’iyo Inama Nshingamateka canke Inama Nkenguzamateka zidashashe, abashingamateka n’abakenguzamateka ntibashobora gufatwa bitarekuwe n’Ibiro vy’Inama Nshingamateka canke Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka, kiretse iyo bakoze icaha bagafatanwa itonga, iyo bari basanzwe bakurikiranwa birekuwe n’abagize Ibiro vy’izo nzego, canke iyo Sentare yaciye urubanza ntabanduka.
Ingingo ya 156
Abashingamateka n’abakenguzamateka bacirwa urubanza na Sentare Ntahinyuzwa nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa rigenga iyo sentare n’igitabu c’amategeko yerekeye iringanizwa ry’amasentare n’ububasha bwayo
Ingingo ya 157
Umushingamateka canke umukenguzamateka ntabangikanya iryo banga n’ayandi mabanga y’igihugu. Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro rirashobora kurekura yuko abatowe n’abenegihugu mu nzego z’intango n’abakozi ba Reta bamwe bamwe bashobora gufatanya ivyo bajejwe n’ibanga ry’abashingamateka canke iry’abakenguzamateka.
Ingingo ya 158
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ni ryo ritegekanya agahembo n’utundi turusho duhabwa abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe n’imirimo itabangikanywa n’amabanga y’abashingamateka n’ay’abakenguzamateka. Iryo bwirizwa riratomora kandi ingene bategekanirizwa kazoza .
Ingingo ya 159
Igihe batanguye kurangura amabanga bajejwe n’igihe bayarangije, abagize Ibiro vy’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka bategerezwa kumenyesha vy’ukuri amatungo yabo mu rwandiko bashikiriza Sentare Ntahinyuzwa.
Ingingo ya 160
Umushingamateka canke umukenguzamateka agenywe kuba umushikiranganji canke agashingwa amabanga y’igihugu atabangikanywa n’amabanga y’abashingamateka n’ay’abakenguzamateka akavyemera, ntasubira gusasa mu Nama Nshingamateka canke mu Nama Nkenguzamateka kandi aca asubirizwa n’uwumukurikira ku rutonde rw’abitoje.
Umushingamateka canke umukenguzamateka ashinzwe ayandi mabanga nk’uko bitegekanijwe mu gahimba ka mbere k’iyi ngingo, aca asubira mu mabanga yiwe kuva aho icabimubuza kiviriyeho iyo ikiringo yatorewe kitararangira.
Ingingo ya 161
Amabanga y’umushingamateka n’ayo umukenguzamateka arangira iyo asandavye, atanze imihoho, iyo atagishobora kurangura ayo mabanga biturutse ku bumuga budakira n’iyo amaze gusiba ata mvo ishemeye ica kane c’inama zigirwa igihe Inama Nshingamateka canke Inama Nkenguzamateka ikoranye , canke iyo umushingamateka canke umukenguzamateka abogojwe mûri ayo mabanga nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa rigenga izo nzego.
Ingingo ya 162
Ingingo zishingwa n’Inama Nshingamateka n’izishingwa n’Inama Nkenguzamateka ntizishobora kwemerwa zidafatiwe mu ngoro isanzwe iberamwo inama zayo kiretse iyo hariho ingorane giturumbuka kandi ntasimbwa yemejwe na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro.
Isasa ry’Inama Nshingamateka n’iry’Inama Nkenguzamateka riba icese. Ariko bikenewe izo nama zirashobora kubera mu mwiherero.
Icegeranyo c’ivyihwejwe mu Nama Nshingamateka no mu Nama Nkenguzamateka gitangazwa mu kinyamakuru c’izo nzego.
Ingingo ya 163
Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka ziremeza amabwirizwa kandi zikagenzura ibikorwa vya Reta.
Ingingo ya 164
Ibitegerezwa kuringamzwa n’amabwirizwa ni ibi :
Ingingo ya 165
Ibitari mu murwi w’ibiringanizwa n’amabwirizwa biringanizwa n’amategeko.
Amabwirizwa yari amaze gushingwa ku biri mu murwi w’ibiringanizwa n’amategeko arashobora guhindurwa n’Itegeko ry’Umukuru w’Igihugu Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro imaze gutanga iciyumviro cayo.
Ingingo ya 166
Amategeko yamaze gushingwa mu bitegerezwa kuringanizwa n’amabwirizwa arashobora guhindurwa n’amabwirizwa Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro imaze gutanga iciyumviro cayo.
Ingingo ya 167
Ibwirizwa ryerekeye amahera akoreshwa ku mwaka ni ryo ryerekana amahera Reta yinjiza n’ayo ikoresha
Ingingo ya 168
Abagize lnama Nshingamateka n’InamaNkenguzamateka barakorana mu nama ya bose kugira ngo :
Iyo Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zikoraniye hamwe, Ibiro vyazo bigizwe n’Ibiro vyizo nzego zibiri. muri ico gihe uwurongora Inama m Umukuru w’Inama Nshingamateka, icegera ciwe akaba Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.
muri ico gihe nyene amategeko asanzwe agenga ingene Inama Nshingamateka itunganya akazi kayo ni yo akurikizwa.
Ingingo ya 169
Inama Nshingamateka igizwe n’imiburiburi n’abashingamateka ijana barimwo 60 % b’Abahutu na 40 % b’Abatutsi, bose hamwe harimwo n’imiburiburi abashingamateka b’abakenyezi 30 % batowe n’abenegihugu bagatorerwa ikiringo c’imyaka itanu harimwo n’abashingamateka batatu b’Abatwa bongeweko nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
Iyo biboneka ko mu vyavuye mu matora ibitigiri bivugwa mukarongo ka mbere k’iyi ngingo bitashitse, birakosorwa biciye mu buryo bwo kugena abandi bashingamateka nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
Igitigiri c’abashingamateka batorwa mu ntara imwimwe gishingwa n’Ibwirizwa hafatiwe ku gitigiri c’abenegihugu baba muri iyo ntara.
Ingingo ya 170
Uwitoza ngo abe umushingamateka ategerezwa kuba ari umurundi kuva akivuka, akaba akwije n’imiburiburi imyaka mirongo ibiri n’itanu y’amavuka, akaba arekuriwe amateka y’ubwigenge na ya poritike.
Uwitoza ngo abe umushingamateka ategerezwa kuba ataragira icaha gikomeye canke gisanzwe gihanishwa igihano gitegekanijwe n’Ibwirizwa rigenga amatora.
Ibwirizwa rigenga amatora riratomora kandi ikiringo uwitoza ngo abe umushingamateka azoba amaze kuva ahejeje igihano nk’uko bitegekanijwe mu karongo ka kabiri k’iyi ngingo kugira yemererwe kwitoza.
Ingingo ya 171
Abitoza ngo babe abashingamateka batangwa n’imigambwe canke bakitoza ku giti cabo nk’uko bitegekanijwe n’ingingo ya 99 y’iri Bwirizwa shingiro.
Ingingo ya 172
Umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu gihugu cose urasuzuma ko abitoza bakwije ibisabwa kugira bemererwe.
Ingingo ya 173
Amatora y’abashingamateka ashingira ku rutonde rwugaye rw’amazina rwashikirijwe, bagatorwa hisunzwe amajwi baronse. Urutonde rwose rw’ayo mazina rutegerezwa kurangwa n’uko amoko yose yaserukiwe kandi hakaba harimwo abagabo n’abakenyezi. Ku bitoza batatu bari ku rutonde rumwe, babiri gusa ni bo baba basangiye ubwoko kandi n’imiburiburi umwe kuri batatu ategerezwa kuba ari umugore.
Ingingo ya 174
Abitoje bashikirijwe n’imigambwe ntibashobora kuronka intebe mu Nama nshingamateka umugambwe wabo utaronse amajwi arenga canke angana n’ibice 2 % vy’abatoye bose mu gihugu.
Abitoza kugiti cabontibashoborakuronka intebemuNama Nshingamateka bataronse amajwi angana n’imiburiburi 40% y’abatoye mu karere biyandikishijemwo.
Ingingo ya 175
Mu nama yayo ya mbere, Inama Nshingamateka irashinga ingingo zerekeye ingene iringaniza n’ingene irangura amabanga ijejwe. Irashiraho abagize Ibiro. Inama ya mbere y’Inama Nshingamateka ikorana ku munsi wa mbere w’imirimo ukurikira umunsi ugira indwi inyuma y’isozera ry’ikiringo c’Inama Nshingamateka yahahora, kandi itorwa ryayo rimaze kwemezwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro. Iyo nama irongorwa n’umushingamateka arusha abandi imyaka y’amavuka.
Ingingo ya 176
Ibiro vy’Inama Nshingamateka bigizwe n’Umukuru w’Inama Nshingamateka n’Ivyegera vyiwe.
Umukuru w’Inama Nshingamateka n’abandi bagize ibiro vy’Inama Nshingamateka batorerwa ikiringo cose yagenewe ariko bagize ivyo Biro barashobora gukurwa muri ayo mabanga hakurikijwe amategeko agenga ingene Inama Nshingamateka yitunganiriza akazi kayo.
Umukuru w’Inama Nshingamateka ategerezwa kuba afise gusa ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye.
Ingingo ya 177
Imirwi y’abashingamateka irashobora gushingwa mu Nama Nshingamateka. Amategeko agenga ingene Inama Nshingamateka yitunganiriza akazi kayo ni yo ashinga ingene iyo mirwi itunganije n’ingene ikora.
Ingingo ya 178
Abari mu migambwe canke abitoje ku giti cabo batavuga rumwe n’abari ku butegetsi mu Nama Nshingamateka, barafise uburenganzira bwo gukorera mu mirwi yose y’abashingamateka, iba imirwi idasanzwe canke imirwi ijejwe itohoza.
Umugambwe ufise Umushikiranganji muri Reta ntushobora kwiyita ko utavuga rumwe na Reta.
Ingingo ya 179
Inama Nshingamateka ikorana mu nama zisanzwe zitatu mu mwaka, inama imwimwe ikamara amezi atatu. Inama ya mbere itangura ku wa mbere w’akazi w’ ukwezi kwa Myandagaro, inama ya kabiri igakorana ku munsi wa mbere w’akazi w’ ukwezi kwa Kigarama, inama ya gatatu igakorana ku munsi wa mbere w’akazi w’ukwezi kwa Ndamukiza.
Inama zidasanzwe zimara imisi itarenga cumi n’itanu, zishobora gutumwako bisabwe n’Umukuru w’Igihugu canke bisabwe n’abashingamateka barenga ica kabiri c’abagize Inama Nshingamateka, ku biri ku rutonde rw’ivyihwezwa gusa.
Itegeko ry’Umukuru w’Igihugu ni ryo rishinga igihe isasa ridasanzwe ry ’Inama Nshingamateka ritangurira n’igihe riherera.
Ingingo ya 180
Inama Nshingamateka ntishobora gufata ingingo ngo yemerwe hadashashe ibice bibiri vya bitatu vy’abashingamateka. Amabwirizwa ashingwa yemejwe n’amajwi arenga ica kabiri c’abashingamateka bitavye inama canke baserukiwe.
Amabwirizwa yunganira Ibwirizwa Shingiro ashingwa yemejwe n’ibice bitatu vya bitanu vy’abashingmateka bitavye inama canke baserukiwe ariko abayemeye bategerezwa kuba barenga ica kabiri c’abashingamateka bose bagize Inama Nshingamateka.
Hakenewe kandi ibice bitatu kuri bitanu vy’abashingamateka bitavye inama canke baserukiwe kugira hashingwe ingingo n’ibisabwa kurangurwa bihambaye.
Ingingo ya 181
Inama Nshingamateka ishikirizwa integuro y ’Ibwirizwa ryerekeye amafaranga Reta izokwijinza n’ayo izokoresha mu ntango y’inama yayo yo mu kwezi kwa Ndamukiza.
Ingingo ya 182
Inama Nshingamateka ni yo yemeza amafaranga Reta ikoresha ku mwaka.
Umwaka amafaranga ategekanywamwo gukoreshwa utangura kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro ukarangira kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi ku mwaka ukurikira.
Iyo Inama Nshingamateka itaremeza ayo mafaranga kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi, Reta ica iba irakoresha ku kwezi amafaranga angana n’ic’icumi na kabiri c’ayo yakoresheje mu mwaka uba uheze.
Bisabwe n’Umukuru w’Igihugu, Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zirakoranira hamwe mu minsi icumi n’itanu kugira ngo zisubire zihweze integuro y’Ibwirizwa ryerekeye amafaranga Reta yinjiza n’ayo ikoresha ku mwaka.
Iyo iyo nama idasanzwe iheze Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zitemeje amafaranga Reta izokoresha, ayo mafaranga aca yemezwa ubutagisubirwamwo n’Itegekobwirizwa rifatiwe mu Nama Nshikiranganji.
Ingingo ya 183
Harashinzwe Sentare icungera amatungo ya Reta isuzuma, ikagira ico ishikirije ikongera ikemeza ingene amafaranga y’igihugu akoreshwa mu bisata vyose vya Reta. Irunganira Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka mu gusuzuma ingene Ibwirizwa ryerekeye amafaranga Reta ikoresha rikurikizwa.
Sentare icungera amatungo ya Reta irashikiriza Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka icegeranyo cerekana ko amategeko yakurikijwe mu gukoresha amafaranga, ikemeza ko ayo mafaranga yakoreshejwe biciye mu buryo butegekanijwe n’amategeko kandi ko hakoreshejwe amafaranga yemewe n’Inama Nshingamateka. Ico cegeranyo kiramenyeshwa Reta.
Sentare isuzuma ikongera ikemeza ingene amafaranga y’igihugu akoreshwa irahabwa uburyo bukenewe kugira irangure amabanga ijejwe.
Ibwirizwa ni ryo ritomora ivyo iyo Sentare ijejwe, ingene itunganijwe, ububasha bwayo, ingene ikora n’amategeko ikurikiza mu kurangura amabanga ijejwe.
Ingingo ya 184
Uwitoza ngo abe umukenguzamateka ategerezwa kuba ari umurundi, akaba akwije imyaka mirongo itatu n’itanu y’amavuka ku munsi w’itora, akaba atakimukumira mu mabanga y’igihugu.
Uwitoza ngo abe umukenguzamateka ategerezwa kuba ataragirwa n’icaha gikomeye canke gisanzwe bitegekanywa n’Ibwirizwa rigenga amatora.
Ibwirizwa rigenga amatora ni ryo ritomora kandi ikiringo uwitoza ngo abe umukenguzamateka azoba amaze kuva yagiriye icaha nk’uko bitegekanijwe mu gahimba gahejeje kuvugwa k’iyi ngingo kugira ngo yemererwe kwitoza.
Ingingo ya 185
Abagize Inama Nkenguzamateka ni aba :
Ingingo ya 186
Umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu gihugu cose urasuzuma ko abitoza bakwije ibisabwa n’amategeko. Abitoza bashikirizwa n’imigambwe yabo canke bagashobora kwitoza ku giti cabo.
Ingigno ya 187
Mu nama yabo ya mbere, Inama Nkenguzamateka irashinga ingingo zerekeye ingene iringaniza n’ingene irangura amabanga ijejwe. Iritorera kandi abagize Ibiro.
Inama ya mbere y’Inama Nkenguzamateka ikorana ku munsi wa mbere w’imirimo ukurikira umunsi ugira indwi inyuma y’isozera ry’ikiringo c’Inama Nkenguzamateka yahahora, kandi itorwa ryayo rimaze kwemezwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro.
Iyo nama irongorwa n’umukenguzamateka arusha abandi imyaka y’amavuka.
Ingingo ya 188
Abagize Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka ni Umukuru w’Inama Nkenguzamateka n’Ivyegera vy’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ategerezwa kuba alise gusa ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye.
Ingingo ya 189
Mu Nama Nkenguzamateka birabujijwe ko hashingwa imirwi y’abakenguzamateka.
Ingingo ya 190
Inama Nkenguzamateka ikorana mu nama zisanzwe gatatu mu mwaka kandi mu gihe kimwe n’Inama Nshingamateka. Inama yose ntirenza igihe c’amezi atatu.
Inama zidasanzwe zimara iminsi itarenga cumi n’itanu, zishobora gutumwako bisabwe n’Umukuru w’Igihugu canke bisabwe n’abakenguzamateka barenga ica kabiri c’Abakenguzamateka bagize Inama Nkenguzamateka, ku biri ku rutonde rw’ivyihwezwa gusa.
Itegeko ry’Umukuru w’Igihugu ni ryo rishinga igihe isasa ridasanzwe y’Inama Nkenguzamateka ritangurira n’igihe riherera.
Ingingo ya 191
Inama Nkenguzamateka ntishobora gufata ingingo ngo yemerwe hadashashe ibice bibiri vya bitatu vy’abashingamateka. Ingingo zishingwa zemejwe n’amajwi arenga ica kabiri c’abashingamateka bitavye inama canke baserukiwe.
Amabwirizwa yunganira Ibwirizwa Shingiro ashingwa yemejwe n’ibice bitatu kuri bitanu vy’abakenguzamateka bitavye inamacanke baserukiwe ariko abakenguzamateka bayemeje bategerezwa kuba barenga ica kabiri c 5abakenguzamateka bagize Inama Nkenguzamateka.
Ingingo ya 192
Inama Nkenguzamateka ifise ububasha bukurikira :
Ingingo ya 193
Integuro z’amabwirizwa zishikirizwa icarimwe Ibiro vy’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka.
Integuro y’Ibwirizwa ya Reta canke iy ’Inama Nshingamateka zirerekana ko ari Ibwirizwa riri mu vyo Inama Nkenguzamateka ifitiye ububasha nk’uko bitegekanijwe n’ingingo ya 192.
Integuro z’amabwirizwa zivugwa mu gahimba gahejeje kuvugwa k’iyi ngingo zica zandikwa buno nyene ku rutonde rw’ibizokwihwezwa n’Inama Nkenguzamateka.
Izindi nteguro z’amabwirizwa zihwezwa hakurikijwe ibitegekanijwe mu ngingo y’ 195 n’iy’ 196 zikurikira.
Mu gihe hari amakenga canke impari yerekeye ukwakira integuro y’Ibwirizwa, Umukuru w’Igihugu, Umukuru w’Inama Nshingamateka canke Umukuru w’Inama Nkenguzamateka aca ayishikiriza Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ikaba ari yo ifata ingingo.
Ingingo ya 194
Mu bitari ku rutonde rw’ivyategekanijwe n’ingingo ya 193 y’iri Bwirizwa Shingiro, Inama Nshingamateka iyihweza ikongera ikayemeza ubwa mbere. Umukuru w’Inama Nshingamateka aca arungikira buno nyene Inama Nkenguzamateka iyo nteguro y’Ibwirizwa.
Bisabwe n’Ibiro biyirongoye canke n’imiburiburi igice kimwe ca bitatu c’abayigize, Inama Nkenguzamateka irihweza iyo nteguro y’lbwirizwa. Abasaba ko iyo nteguro yihwezwa babigira mu kiringo c’iminsi indwi kuva aho iyo nteguro ishikiye mu Nama Nkenguzamateka.
Mu kiringo kitarenza iminsi icumi kuva ibisabwe, Inama Nkenguzamateka ishobora gushinga ko iyo nteguro y’Ibwirizwa ishikirijwe n’Urwego Nshikiranganji canke ishikirijwe n’abashingamateka idahindurwa, canke ikazemeza ibanje guhindura bimwebimwe.
Iyo Inama Nkenguzamateka idashinze ingingo mu kiringo categekanijwe canke iyo yamenyesheje Inama Nshingamateka ingingo yafashe y’ukudahindura integuro y’Ibwirizwa, Umukuru w’Inama Nshingamateka aca arungikira iyo nteguro Umukuru w’Igihugu mu kiringo c’amasaha mirongo ine n’umunani kugira ngo itangazwe Iyo integuro y’Ibwirizwa yahinduwe, Inama Nkenguzamateka ica iyirungikira Inama Nshingamateka, na yo igashinga ko iyemeye, canke ko mu vyahinduwe n’Inama Nkenguzamateka ihakanye vyose canke bimwebimwe.
Ingingo ya 195
Iyo hariko harihwezwa ibitegekanijwe mu ngingo ya 194 agahimba ka nyuma, Inama Nshingamateka ikagira ico îsubiriye guhindura, iyo nteguro y’Ibwirizwa ica isubizwa mu Nama Nkenguzamateka na yo ikagira ico ivuze kuri iyo nteguro yahinduwe.
Mu kiringo kitarenga iminsi itanu kuva iyo nteguro y’ibwirizwa isubijwe mu Nama Nkenguzamateka, Inama Nkenguzamateka ishobora kwemeza iyo nteguro y’ibwirizwa nk’uko yahinduwe n’Inama Nshingamateka, canke ikemeza iyo nteguro ibanje gusubira kuyihindura.
Iyo Inama Nkenguzamateka idashinze ingingo mu kiringo gitegekanijwe canke iyo yamenyesheje Inama Nshingamateka ingingo yashinze y’ukwemera integuro y’lbwirizwa, Inama Nshingamateka ica iyirungikira Umukuru w’Igihugu mu kiringo c’amasaha mirongo ine n’umunani kugira ngo ayitangaze.
Iyo iyo nteguro yasubiriye guhindurwa, Inama Nkenguzamateka ica iyirungikira Inama Nshingamateka na yo igashinga ingingo ntabanduka mu kuyemeza canke igahindura iyo nteguro y’ibwirizwa.
Ingingo ya 196
Mu bitegekanijwe mu karongo ka 1 n’aka 3 tw’ingingo ya 192 y’iri Bwirizwa Shingiro, iyo integuro y’ibwirizwa yemejwe n’Inama Nshingamateka, Umukuru w’Inama Nshingamateka aca ayirungikira Inama Nkenguzamateka ngo iyemeze.
Inama Nkenguzamateka yemeza iyo integuro y’ibwirizwa mu kiringo kitarenze iminsi mirongo itatu ataco ihinduye canke ibanje kuyihindura.
Iyo Inama Nkenguzamateka yemeje iyo nteguro y’ibwirizwa ataco ihinduye, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka aca ayisubiza Umukuru w’Inama Nshingamateka, na we akayirungikira Umukuru w’Igihugu mu kiringo c’amasaha mirongo ine n’umunani kugira ngo iryo bwirizwa ritangazwe.
Iyo Inama Nkenguzamateka yemeje integuro y ’Ibwirizwa ibanje kuyihindura, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka aca ayirungikira Inama Nshingamateka kugira ngo isubire kwihwezwa ukundi gusha.
Iyo ivyo Inama Nkenguzamateka yasavye ko bihinduka vyemewe n’Inama Nshingamateka, Umukuru w’Inama Nshingamateka ararungikira Umukuru w’Igihugu mu kiringo c’amasaha mirongo ine n’umunani, integuro itagisubirwamwo y’iryo bwirizwa kugira ngo aritangaze.
Igihe integuro y’ibwirizwa rishikirijwe n’Urwego Nshikiranganji canke integuro y’ibwirizwa îshikirijwe n ’abashingamateka ritemejwe bivuye ku kutumvikana kw’Inarna Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka, Umukuru w’Inama Nshingamateka n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka baca bagena umugwi ugizwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka ku bitigiri bingana kugira ngo bashikirize integuro bahuriyeko kuri vyose canke kuri bimwe bimwe vyari bikiri mu mpari mu kiringo c’iminsi y’imirimo cumi n’itanu.
Integuro yagizwe n’uwo mugwi irashikirizwa Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka kugira ngo ziyemeze. Nta na kimwe gisubira guhindurwa muri iyo nteguro. Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka ziyemeza imwimwe ukwayo.
Iyo uwo murwi udashoboye guhuriza ku nteguro imwe, canke iyo integuro itemejwe n’Inama Nshingamateka canke n’Inama Nkenguzamateka, Umukuru w’Igihugu arashobora gusaba Inama Nshingamateka ngo ishinge ingingo ntabanduka canke akamenyesha ko integuro y’ibwirizwa yashikirijwe n’Urwego Nshikiranganji canke integuro yashikirijwe n’Abashingamateka yahebwe.
Iyo nteguro yemezwa n’Inama Nshingamateka ku bice bibiri vya bitatu.
Ingingo ya 197
Umukuru w’Igihugu, Reta, Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka, imwimwe yose muri izo nzego irafise ububasha bwo gushikiriza integuro z’amabwinzwa.
Integuro z’amabwinzwa za Reta zihwerezwa mu Nama Nshikiranganji.
Ingingo ya 198
Mu gushinga urutonde rw’ivyihwezwa n’Inama Nshingamateka n’InamaNkenguzamateka, ivyo Urwego Nshikiranganji rwipfuza biza ubwa mbere kandi nk’uko rwabikurikiranije. Urwo rutonde rwerekeye integuro z’amabwirizwa yashikirijwe n’Urwego Nshikiranganji hamwe n’integuro z’amabwirizwa zashikirijwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka.
Iyo integuro y’ibwirizwa ryashikirijwe n’ 5abashingamateka canke abakenguzamateka ritashoboye kwihwezwa mu nama zibiri zisanzwe kandi zikurikirana, iyo nteguro itegerezwa kuza imbere ku rutonde rw’ibizokwihwezwa mu nama ikurikira.
Ingingo ya 199
Reta irafise ububasha bwo gushikiriza impinyanyuro ku nteguro z’amabwirizwa zashikirijwe n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka.
Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zirafise ububasha bwo kwihweza, kwunganira canke guhakana integuro z’amabwirizwa zashikirijwe n’Urwego nshikiranganji.
Ariko rero, integuro z’amabwirizwa hamwe n’ivyohinduka vyashikirishijwe n’abashingamateka canke abakenguzamateka ntibishobora kwakirwa iyo bituma amatungo y’igihugu agabanuka cane canke bigatuma igihugu gisohora amafaranga adasanzwe ategekanijwe canke ayasanzwe ategekanijwe gukoreshwa yongerekana cane. Izo nteguro n’ivyo vyiyumviro bishobora kwihwezwa gusa iyo ababishikirije baciye berekana ahandi amafaranga akenewe yova.
Iyo InamaNshingamateka canke InamaNkenguzamateka zashinze umugwi wazo kwihweza integuro y’ibwirizwa, inama imaze gutangura, Urwego Nshikiranganji rurafise ububasha bwo kwanka ko iyindi ngingo nshasha ihindura iyo nteguro yihwezwa n’Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka mu gihe iyo ngingo itari yashikirijwe uwo mugwi.
Iyo Reta ibisavye, Inama Nshingamateka canke Inama Nkenguzamateka ibisabwe, iremereza vyose icarimwe cankeigicec’integuroy’ibwirizwayashikirijwen’Urwego Nshikiranganji canke yashikirijwe n’abashingamateka ikagumizamwo gusa ivyasabwe guhindurwa canke ivyo rwemeye rwo nyene.
Ingingo ya 200
Kugira ngo ishobore kurangura imigambi yayo, Reta irashobora gusaba uruhusha Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka rwo kwishingira mu kiringo gitoyi amategekobwirizwa yemeza ingingo zisanzwe ziringanizwa n’amabwirizwa.
Ayo mategekobwirizwa ategerezwa kwemezwa n’Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka mu nama yazo ikurikira.
Iryo tegekobwirizwa ryemezwa ryose mu gishingo kimwe.
Hatabaye ibwirizwa riyemeza, ayo mategekobwirizwa aca ahebwa, bikenewe bikemezwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro.
Ingingo ya 201
Igihe integuro y’ibwirizwa yashikirijwe n’abashingamateka ikiriko irigwa, bishitse iyo nteguro canke iciyumviro cashikirijwe kiyihindura bikaba bitari mu gisata c’amabwirizwa, urwego nshikiranganji rurashobora kuyanka.
Igihe Reta, Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zitumvikanye, bisabwe n’Umukuru w’Igihugu, Umukuru w’Inama Nshingamateka canke Umukuai w’Inama Nkenguzamateka, Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ni yo ishinga ingingo mu kiringo c’iminsi umunani.
Ingingo ya 202
Umukuru w’Igihugu atangaza amabwirizwa yashinzwe n’Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka mu minsi mirongo itatu ikurikira umunsi yayarungikiweko kiretse asavye ko asubira kwihwezwa canke ngo asabe Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro gusuzuma ko adaciye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro.
Umukuru w’Igihugu ashobora gusaba ko Ibwirizwa ryose canke ingingo zimwezimwe zaryo zosubirwamwo.
Iryo bwirizwa rimaze gusubira kwihwezwa ntirishobora gutangazwa ritemejwe n’ibice bitatu vya bitanu vy’abashingamateka n’ibice bitatu vya bitanu vy’abakenguzamateka.
Imbere yo gutangaza amabwirizwa yunganira Ibwirizwa Shingiro, Umukuru w’Igihugu ategerezwa gusaba Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro gusuzuma ko ayo mabwirizwa adaciye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro.
Hatirengagijwe ibitegekanijwe mugahimba ka mbere k’iyi ngingo, ibwirizwa ritowe n’Urwego Nshingamategeko riba impfagusa igihe Umukuru w’Igihugu ataritangaje mu kiringo c’iminsi 30 y’ikirangaminsi.
Ingingo ya 203
Umukuru w’Igihugu, amaze guhanuza Icegera c’Umukuru w’Igihugu, Umushikiranganji wa Mbere, Umukuru w’Inama Nshingamateka n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, arashobora gusaba abenegihugu kwemeza biciye mw’itora, integuro iyo ari yo yose y’Ibwirizwa Shingiro, y’amabwirizwa canke ikibazo ico ari co cose gishobora kugira inkurikizi zihambaye mu buzima na kazoza vy’igihugu, canke ku buryo inzego z’igihugu ziteye n’ingene zikora.
Ingingo ya 204
Umukuru w’Igihugu arashikiriza ijambo Inama Nshingamateka n’Inarna Nkenguzamateka zikoraniye hamwe. Abashingamateka n’abakenguzamateka barumviriza iryo jambo ariko ntibariharirako.
Ingingo ya 205
Abashikiranganji barashobora gukurikirana ibikorwa vy’lnama Nshingamateka n’ivy’Inama Nkenguzamateka. Barumvirizwa igihe cose babisavye. Barashobora kwibangikanya abahinga babunganira.
Ingingo ya 206
Abashingamateka n’abakenguzamateka barafise ububasha bwo kwihweza ibirangurwa na Reta n’imigambi yayo mu vyerekeye intwaro y’igihugu bakagira ico babivuzeko
Ingingo ya 207
Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zirashobora gusaba ko Reta yozimenyesha ivyo iriko irarangura, ivyo zikabibaza abashikiranganji imbonankubone canke biciye mu nzandiko.
Igihe abashingamateka n’abakenguzamateka bari munama Hategerezwa kwama hari ikiringo kimwe mundwi gihariwe ibibazo vy’abashingamateka n’abakenguzamateka n’inyishu zitangwa n’abashikiranganji.
Reta itegerezwa kvvishura ibibazo vyose vy’Inama Nshingamatekan’ivy’InamaNkenguzamatekavyerekeye ukugene itunganya ibikorwa vyayo vya minsi yose n’ukugene irangura imigambi yayo.
Ingingo ya 208
Inama Nshingamateka irashobora kugaya uburyo Reta ikora igasaba ko itanga imihoho vyemejwe n’ibice bitatu vya bitanu vy’abashingamateka. Inama Nshingamateka na yo irashobora kubogozwa n’Umukuru w’Igihugu mu gihe idakora neza bigatuma ibikorwa vya Reta bihagarara.
Inama Nshingamateka irashobora kubogoza ku majwi angana bitatu vya bitanu Umushikiranganji wa Mbere iyo bigaragaye ko arangura nabi amabanga ajejwe canke atigenza runtu no mu gihe inyifato yiwe ibuza ko Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zikora nk’uko bisanzwe. Muri ico gihe, Reta yose ica ijana na we.
Iyo hari Umushikiranganji bigaragaye ko arangura nabi amabanga ajejwe, canke atigenza runtu canke inyifato yiwe ikaba ibuza ko Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zikora nk’uko bisanzwe, abashingamateka baramenyesha, vyemejwe n’ibice bitatu vya bitanu, ko batacizigiye uwo mushikiranganji. Bigenze gurtyo, uwo mushikiranganji ategerezwa gutanga imihoho.
Ingingo ya 209
Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zirafise ububasha bwo gushinga imirwi itohoza ingene Reta irangura amabanga yayo ku vyo zashinze.
Ingingo ya 210
Mu gihugu cose Sentare ni zo zica imanza kw’izina ry’Abarundi bose.
Amabangan’ububashavy’Urwegorw’abashikirizamanza birangurwa na Parake.
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ni ryo ritomora iringanizwa n’ububasha bw’amasentare.
Ingingo ya 211
Sentare zisasa mu ntahe y’icese kiretse iyo Sentare ifashe ingingo yo gutaramura abo urubanza ruterekeye bitumwe n’uko ukuburanisha icese bishobora kubangamira umutekano canke imico myiza y’igihugu.
Ingingo ya 212
Ingingo yose ishinzwe na Sentare itegerezwa kuba ifise imvo n’imvano imbere y’uko ishikirizwa mu ntahe y’icese.
Ingingo ya 213
Urwego rw’ubutungane ruringanizwa ku buryo abenegihugu bose baruserukirwamwo bikwiye.
Mu gutanga akazi no mu kugena abayobozi mu rwego rw’abacamanza, hategerezwa gucungerwa ko hitwararitswe kunganisha intara, ubwoko, n’ibitsina.
Urwego rw’abacamanza rugizwe n’ibice bitarenga 60% vy’Abahutu n’ibice bitarenga 40% vy’Abatutsi. Hategerezwa kubamwo n’imiburiburi ibice 30% vy’abagore.
Ingingo ya 214
Urwego rw’ubutungane rurangura amabanga yarwo ataho ruhengamiye, rurishira rukizana mu kurangura ayo mabanga. Inama Nshingamateka,Inama Nkenguzamateka canke urwego rwa Reta ntizishobora gutegeka urwo rwego mgene ruca imanza.
Mu kurangura amabanga ajejwe, umucamanza yisunga Ibwirizwa Shingiro n’amabwirizwa gusa.
Umukuru w’Igihugu ni we nkinzo y’ubwigenge bw’abacamanza, abifashwamwo n’Inama Nkuru y’Ubucamanza.
Ingingo ya 215
Inama Nkuru y’Ubucamanza iracungera ko imanza zicibwa kandi zikurikizwa neza. Ni yo nkinzo y’ubwigenge bw’abacamanza igihe barangura amabanga bajejwe.
Ingingo ya 216
Inama Nkuru y’Ubucamanza ni rwo rwego rukuru rujejwe inyifato y’abacamanza mu kazi kabo. Urwo rwego ni rwo rwihweza ibirego rushikirizwa n’abantu canke Umuhuza w’abenegihugu na Reta vyerekeye inyifato y’abacamanza mu kazi kabo co kimwe n’ukwunguruza kw’ abacamanza ku vyerekeye ibihano bahawe canke ivyo basaba bijanye n’amabanga bajejwe.
Ingingo ya 217
Umucamanza ntashobora kubogozwa mu mabanga ajejwe adakoze ikosa rijanye n’akazi canke akazi kamunaniye kandi bisabwe gusa n’Inama Nkuru y’Ubacamanza.
Ingingo ya 218
Inama Nkuru y’Ubucamanza irunganira Umukuru w’Igihugu n’Urwego nshikiranganji muri ibi bikurikira:
Ingingo ya 219
Abacamanza bagenwa mu mabanga bajejwe n’Itegeko ry’Umukuru w’Igihugu bisabwe n’Umushikiranganji w’ubutungane InamaNkuruy’Ubucamanzaimaze kugira ico ibivuzeko.
Ingingo ya 220
Igenwa iryo ari ryo ryose mu mabanga y’abakuru mu bisata vy’ubucamanza bavugwa mu ngingo ya 192, agahimba ka 9 y’iri Bwirizwa Shingiro, kiretse muri Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro, rigirwa n’Umukuru w’Igihugu abisabwe n’Umushikiranganji w’ubutungane, mugabo Inama Nkuru y’Ubucamanza yatanze iciyumviro hanyuma bikemezwa n’Inama Nkenguzamateka.
Ingingo ya 221
Inama Nkuru y’Ubucamanza irategura rimwe mu mwaka icegeranyo cerekana ingene ubutungane bwifashe mu gihugu.
Ingingo ya 222
Mu bagize Inama Nkuru y’Ubucamanza hategerezwa gucungerwa ko ata bwoko, intara, canke igitsina bikumiriwe. Inama Nkuru y’Ubucamanza igizwe n’aba bakurikira:
Abo mu murwi wa mbere n’uwa kabiri batorwa n’abacamanza.
Ingingo ya 223
Abagize Inama Nkuru y’Ubucamanza bagenwa n’Umukuru w’Igihugu babanje kwemezwa n’Inama Nkenguzamateka.
Ingingo ya 224
Inama Nkuru y’Ubucamanza irongorwa n’Umukuru w’Igihugu yunganiwe n’Umukuru wa Sentare Ntahinyuzwa hamwe n’Umushikiranganji w’ubutungane, uwa mbere akaba Icegera c’Umukuru w’Inama Nkuru y’Ubucamanza, uwundi na we akaba Umunyamabanga.
Ingingo ya 225
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ni ryo ritomora ingene Inama Nkuru y’Ubucamanza itunganijwe, ingene ikora n’ingene abayigize bagenwa.
Ingingo ya 226
Inama Nkuru y’Ubushikinzamanza ni yo icungera ingene burangura amabanga yabwo.
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro riratomora imirimo yayo, ingene itunganijwe, ingene ikora hamwe n’ingene abayigize bagenwa.
Ingingo ya 227
Sentare ntahinyuzwa ni yo ikurira Sentare zose zisanzwe zo mugihugu.
Ni yo icungera ko izindi Sentare zikurikiza neza amabwirizwa.
Ingingo ya 228
Abacamanza bagize Sentare ntahinyuzwa bagenwa n’Umukuru w'Igihugu abisabwe n’Umushikiranganji w’ubutungane Inama nkuru y’ubucamanza ibanje gutanga iciyumviro cayo kandi bamaze kwemezwa n’Inama Nkenguzamateka.
Abacamanza bagize Sentare ntahinyuzwa batorwa mu bacamanza b’intungane, b’imvugakuri kandi badatamikwa ijambo.
Ingingo ya 229
Harashinzwe Urwego rw’Abashikirizamanza bakukira Sentare ntahinyuzwa bagenwa mu buryo bumwe n’abacamanza basasa muri iyo Sentare.
Ingingo ya 230
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ni ryo ritomora ingene Sentare ntahinyuzwa iringanijwe, ububasha bwayo, ingene ikora n’amategeko akurikizwa mu kuburanisha imanza ishikirizwa.
Ingingo ya 231
Sentare yuhabiriza Ibwirizwa Shingiro niyo Sentare y’igihugu iraba ivyerekeye Ibwirizwa Shingiro.
Ni yo igenzura ko amabwirizwa ashingwa adaciye kubiri nTbwirizwa Shingiro ikongera igatanga insiguro yaryo.
Ingingo ya 232
Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro igizwe n’abacamanza indwi. Bagenwa n’Umukuru w’Igihugu babanje kwemezwa n’Inama Nkenguzamateka. Ikiringo cabo ni ic’imyaka umunani kandi kitisubiriza.
N’imiburiburi bane muri bo ni abacamanza canke abashikirizamanza bagize ubucamanza umwuga wabo. Umukuru w’iyo Sentare, icegera ciwe n’abacamanza bagize ubucamanza umwuga wabo, bategerezwa kuba bakora ako kazi konyene.
Abagize Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro batorwa mu bantu b’intungane, b’imvugakuri kandi badatamikwa ijambo.
Abagize Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro bagenywe kugira basubirire abayihoramwo batari bwaheze ikiringo bagenewe, baraheraheza ikiringo cabo basubiriye.
Abacamanza bamwe bamwe basubirizwa hisunzwe ibitegekanywa n’ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro.
Ingingo ya 233
Ntivyemewe ko Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro isasa hatarimwo n’imiburiburi abacamanza bayo batanu. Ishinga ingingo iyo zemejwe n’abarenga ica kabiri c’abacamanza bashashe ; mu gihe abashigikiye ingingo bangana n’abatazishigikiye, hemezwa ingingo zishigikiwe n’Umukuru wa Sentare.
Ingingo ya 234
Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ifise ububasha bukurikira :
Amabwirizwa yunganira Ibwirizwa Shingiro imbere y’uko atangazwa, amasezerano mpuzamakungu imbere yuko ashikirizwa Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka ngo ziyemeze, amategeko ntunganyabikorwa atomora ingene Inama Nshingamateka n’ingene Inama Nkenguzamateka zitunganya imirimo yazo, ategerezwa gusuzumwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro imbere y’uko atangazwa.
Ingingo ya 235
Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro irafise kandi ububasha bwo gusuzuma no gushinga ingingo ku bitegekanijwe mu ngingo ya 116, 162, 165, 166, 193, 200 n’iya 283 z’iri Bwirizwa Shingiro.
Ingingo ya 236
Umukuru w’Igihugu, Umukuru w’InamaNshingamateka, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, ica kane c’abashingamateka, ica kane c’abakenguzamateka canke Umuhuza w’abenegihugu na Reta bafise ububasha bwo kwitura Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro.
Umuntu uwo ari we wese abifisemwo inyungu, Ishirahamwe iryo ari ryo ryose ribifisemwo inyungu canke abashikirizamanza barashobora kwitura Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro bakadoma urutoke ku mabwirizwa n’amategeko yoba yashinzwe biciye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro. Bashobora kubigira mu kwishikirira bo nyene Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro canke mu kubimenyesha Sentare mu gihe babonye ko urubanza iriko irabacira rushingiye ku ngingo y’Ibwirizwa canke y’Itegeko iteye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro.
Muri ico gihe, ingingo yari igiye gufatwa ica iba irabangiriwe gushika Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ishikirize ingingo yayo, iyo ngingo na yo igategerezwa gushikirizwa mu minsi itarenga mirongo itatu.
Ingingo ya 237
Ingingo y’Ibwirizwa canke y’Itegeko yemejwe y’uko iciye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro ntishobora gutangazwa canke ngo îkurikizwe.
Ingingo zifashwe na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ntaho zungururizwa.
Ingingo ya 238
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ni ryo ritomora ingene Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro iringanijwe, ingene ikora n’amategeko akurikizwa mu kwakira no kuburanisha imanza ishikirizwa.
Ingingo ya 239
y’Ubutungane igizwe na Sentare na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Sentare nkuru ntahinyuzwa Shingiro zikoranye. Iyo ishashe, Umukuru w’intahe ni Umukuru wa Sentare ntahinyuzwa. muri iyo Sentare, Umushikirizamanza Kizigenza wa Repuburika ni we aserukira Urwego rw’Ubushikirizamanza.
Ingingo ya 240
Sentare Nkuru y’Ubutungane ni yo ifise ububasha bwo gucira urubanza Umukuru w’Igihugu igihe yahemukiye igihugu, Umukuru w’Inama Nshingamateka, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Icegera c’Umukuru w’Igihugu n’Umushikiranganji wa Mbere igihe bakoze ivyaha bakiri muri ayo mabanga.
Abo bategetsi bamaze kwitwarirwa, abashikirizamanza n’abacamanza bashinzwe izo manza bategerezwa guca baziburanisha ubutarariye.
Ingingo zishinzwe na Sentare Nkuru y’Ubutungane ntaho zungururizwa kiretse ugusaba ikigongwe Umukuru w’Igihugu canke zisubiwemwo ukundi gusha.
Ingingo ya 241
Igihe bagiriwe n’ivyaha, Umukuru w’Igihugu, Icegera c’Umukuru w’Igihugu, Umushikiranganji wa Mbere, Umukuru w’Inama Nshingamateka n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka baca babogozwa mu mabanga yabo.
Ingingo ya 242
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ni ryo ritomora ingene Sentare Nkuru y’Ubutungane iringanijwe, ingene ikora n’amategeko akurikizwa mu kwakira no mu kuburanisha imanza ishikirizwa.
Ingingo ya 243
Umuhuza w’abenegihugu na Reta arakira ibirego vy’abamwituye agatohoza ivyerekeye amakosa yakozwe mu gutunganya ivy’igihugu n’ugurtyoza agateka k’abenegihugu vyakozwe n’abakozi ba Reta n’abakora mu vy’ubucamanza, ibikwiye gukosorwa akabimenyesha abategetsi babifitiye ububasha. Arahuza kandi abajejwe intwaro n’abenegihugu, ubushikiranganji n’izindi nzego z’ubutegetsi kandi agashinga ijisho ingene inzego nshingwantwaro zikora.
Ibwirizwa ni ryo ritomora ingene imirimo y’Umuhuza w’abenegihugu na Reta iringanijwe n’ingene arangura amabanga ajejwe.
Ingingo ya 244
Umuhuza w’abenegihugu na Reta araronswa ububasha n’uburyo bukwiye kugira arangure neza amabanga ajejwe. Uko umwaka utashe arashikiriza Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka icegeranyo c’ivyo yaranguye. Icegeranyo ciwe kiratangazwa mu Kinyamakuru c’ibitegekwa mu Burundi.
Ingingo ya 245
Umuhuza w’abenegihugu na Reta agenwa n’Inama Nshingamateka yemejwe n’ibice bitatu vya bine vy’abayigize. Igenwa ryiwe ribanza kwemezwa n’ibice bibiri vya bitatu vy’abagize Inama Nkenguzamateka.
Ikiringo amara muri ayo mabanga ni imyaka itandatu kandi ntashobora kwongerwa ikindi kiringo.
Ingingo ya 246
Inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano zishingwa n’Ibwirizwa. Kiretse izo nzego, nta murwi n’umwe urekuriwe kwitwazwa ibirwanisho.
Ingingo ya 247
Inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano zitegerezwa gutunganywa ku buryo bigaragara ko Abarundi bose n’igihugu cose bafise ishaka ryo kubana mu mahoro no mu mwumvikano. Abagize izo nzego bategerezwa kwigishwa gukora ivyo bajejwe bisunga Ibwirizwa Shingiro, amabwirizwa ahari n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwemeje kandi bagategekwa gusonera ayo mabwirizwa.
Inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano zikorera Abarundi bose. Zitegerezwa gukingira Abarundi bose kandi abenegihugu bose bakazibonamwo.
Ingingo ya 248
Ukubungabunga umutekano mu gihugu n’ukukirwanira bitegekwanaRetabikagenzurwan’InamaNshingamateka n’Inama Nkenguzamateka.
Ingingo ya 249
Urwego rw’intwaramiheto n’urwo abajejwe umutekano zirabazwa ivyo zirangura kandi zibwirizwa gukora ku mugaragaro.
Mu Nama Nshingamateka no mu Nama Nkenguzamateka harashingwa imirwi ijejwe gucungera ibikorwa vy’Urwego rw’Intwaramiheto n’urw’abajejwe umutekano hakurikijwe amategeko ahari n’amategcko yerekeye ingene Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zitunganya akazi zijejwe.
Ingingo ya 250
Zaba inzego zo kwivuna abansi canke iz’umutekano, baba abari muri izo nzego, mu mabanga bajejwe nta n’umwe arekuriwe :
Ibwirizwa riringaniza ingene inzego zishinzwe kwivuna abansi n 5iz’umutekano zikora rirategekanya ibihano ku barenze kuri izo ngingo.
Ingingo ya 251
Inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano zigizwe n’igisirikare hamwe n’igipolisi, izo nzego zose zishingwa hakurikijwe iri Bwirizwa Shingiro.
Urwego rw’abajejwe kwivuna abansi ni urwego rw’intwaramiheto rutegekanijwe, rukaringanizwa kandi rukaronka n’inyigisho kugira ngo rukingire imbibe z’igihugu, ukwikukira kw’igihugu n’ubwigenge bw’igihugu.
Urwego rw’abajejwe umutekano ni urwego rutegekanijwe, ruringanijwe kandi rwaronse inyigisho ngo rubungabunge umutekano mu gihugu.
Ingingo ya 252
Inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano zigabwa n’ubutegetsi bw’igihugu hakurikijwe Ibwiriza Shingiro, amabwirizwa n’amategeko.
Ingingo ya 253
Inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano zitegerezwa gukomeza hagati y’abazigize ingendo yo kudakumirana, kutavangura amoko n’ibitsina.
Ingingo ya 254
Amabwirizwa yunganira Ibwirizwa Shingiro ni yo atomora imirimo y’ Urwego rujejwe kwivuna abansi n’iy’ Urwego rw’Igiporisi, uko ziringanijwe, inyigisho n’uburyo bwo gukora zihabwa n’ingene zikora.
Ingingo ya 255
Umukuru w’Igihugu adaciye kubiri n’ibitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro n’amabwirizwa ni we wenyene ashobora kugomora ingabo hagakoreshwa ibirwanisho :
Ingingo ya 256
Igihe urwego rujejwe kurwanira igihugu rukoreshejwe muri kimwe mu bitegekanijwe mu ngingo ya 249, Umukuru w’Igihugu arahanuza icese inzego zibijejwe kandi agaça buno nyene amenyesha mu buryo butomoye Inarna Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka ibi bikurikira :
Ingingo ya 257
Iyo Inarna Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zisanzwe zidashashe, Umukuru w’Igihugu aca azitumako mu nama idasanzwe mu minsi indwi ikurikira umunsi urwego rujejwe kwivuna abansi rwatanguye ingwano.
Ingingo ya 258
Inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano zirubaha ivyo abagize izo nzego bafitiye uburenganzira n’agateka kabo mu kubategeka ingene bigenza no mu nyigisho babaha.
Ingingo ya 259
Abagize inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano barafise uburenganzira bwo kumenyeshwa ivy’ubuzima bw’igihugu mu vyerekeye imibano n’intwaro y’igihugu n’uguhabwa inyigisho zikundisha igihugu.
Ingingo ya 260
Kirazira kuja gufasha ingwano ikindi gihugu bitarekuwe n’amasezerano mpuzamakungu. Kirazira kwikora ku ntwaramiheto zo mu mahanga kiretse birekuwe n’Umukuru w’Igihugu.
Ingingo ya 261
Reta itegerezwa gushinga umugambi wo guhindura biboneka ivyerekcye kurwanira n’ugucungera umutekano bituma ubumwe n’umwumvikano w’abenegihugu bikomera cane cane mu kuwurangura ku buryo Abarundi bose bo mu moko yose, intara zose n’ibitsina vyose baserukirwa muri izo nzego.
Ingingo ya 262
Urwego rw’ukwivuna abansi n’urw’abajejwe umutekano zitunganijwe mu buryo haba ubumwe mu bazigize, ntibagire aho bahengamiye mu vyerekeye poritike kandi mu kurangura amabanga bajejwe ntibagire nkurizi.
Ingingo ya 263
Inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano zakira abenegihugu bose bashaka kuzinjiramwo atawukumiriwe. Izo nzego zitunganijwe ku buryo zinjirwamwo n’uwubishaka kandi abifitiye ubuhinga n’ubushobozi.
Mu kiringo gishingwa n’Inama Nkenguzamateka, urwego rw’ukwivuna abansi n’urw’abajejwe umutekano ntizishobora kubamwo abarenga ibice 50% b’ubwoko bumwe kugira ngo amoko yose aserukirwe, hongere hakingwe ibikorwa bigayitse vy’ihonyabwoko n’ugufata ubutegetsi ku nguvu.
Ingingo ya 264
Ukudaserukirwa bikwiye mu nzego z’ukwivuna abansi n’iz’umutekano bizogenda birakosorwa buhorobuhoro hisunzwe umutima wo kunywana no kwizigirana kugira Abarundi bose bumve ko bakingiwe.
Ingingo ya 265
Inzego z’ukwivuna abansi n’iz’umutekano zigizwe n’abagize ako kazi umwuga babifitiye ubuhinga kandi ataho begamiye.
Abagize izo nzego bararonka inyigisho zerekeye ubuhinga, kwigenza neza n’ugukunda igihugu. Izo nyigisho zishimikira cane cane ku gutsimbataza amahoro, ingene bigenza mu ntwaro rusangi ishimikiye ku migambwe myinshi n’agateka ka zina muntu.
Ingingo ya 266
Abagize inzego z’ukwivuna abansi n’iz’umutekano, kuva ku muto gushika ku mukuru, bararonka inyigisho zerekeye kwubahiriza amategeko mpuzamakungu y’ugutabara abari mu vyago bitewe n’ intambara hamwe n’iz’ ugushira imbere Ibwinzwa Shingiro.
Ingingo ya 267
Umuntu atari umusirikare ntashobora gukurikiranwa hisunzwe Igitabu c’amategeko mpanavyahaya gisirikare kandi ntacirwa imanza na Sentare za gisirikare.
Ingingo ya 268
Urwego rw’igendereza ni Urwego rushirwaho, rutunganywa kandi ruronswa inyigisho kugira rurondere, rushire hamwe kandi rwige inkuru zose zishobora kwunganira mu vy’umutekano w’Igihugu, uw’inzego zaco hamwe n’uw’Uburundi mu mahanga kandi ngo rwunganire mu vy’iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu.
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro riratomora imirimo y’Urwego rw’igendereza, ingene rutunganijwe n’ingene rukora.
Ingingo ya 269
Ikomine n’ibindi bisata mu gihugu bishingwa n’ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro.
Ibwirizwa ni ryo ritomora amategeko agenga amakomine, ingene aringanijwe, ububasha bwayo, amatungo yayo n’ingene atwarwa.
Ingingo ya 270
Ikomine ni igisatanshingwantwarocigenga.Igabuwemwo uturere nk’uko bitegekanywa n’ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro rigenga amakomine.
Ingingo ya 271
Ikomine irongorwa na Musitanteri wa komine agashigikirwa kandi akagenzurwa n’Inama Mpanuzwajambo ya komine.
Ingingo ya 272
Amatora muri komine atunganywa hisunzwe uku gukurikira :
Ingingo ya 273
Umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu gihugu uracungera ko mu Nama mpanuzwajambo z’amakomine amoko yose aserukirwa. Bitagenze uko, Umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu gihugu cose urashobora gushinga ko hongerwamwo abantu bava mu bwoko butaserukiwe bikwiye, ariko abo bantu bagenywe ntibarenga ica gatanu c’abagize iyo Nama. Abo na bo bagenwa n’Umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu gihugu cose.
Inama mpanuzwajambo ya komine yose iritorera mu bayigize Musitanteri wa komine kandi irashobora kumubogoza muri ayo mabanga iyo hari imvo ishemeye nko kurya ibiturire, kunanirwa akazi, ikosa rihambaye canke ukunyuruza amatungo ya komine . Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zimaze kwihweza uko ibintu bimeze, zirashinga ibwirizwa ritegekanya ko Musitanteri azokwitorerwa n’abenegihugu ubwabo.
Mu moko ahari, nta bwoko na bumwe bushobora guserukirwa na ba Musitanteri b’amakomine barenga 67% mu gihugu cose. Inama Nkenguzamateka iracungera ko iyo ngingo yubahirizwa.
Ingingo ya 274
Reta iracungera ko amakomine yose atera imbere ata n’imwe isigaye inyuma ishimikiye kugufatana mu nda kw’abenegihugu mu gufashanya.
Ingingo ya 275
Kugira ngo abenegihugu benshi bagire uruhara mu gutunganya ivy’igihugu, Reta irashiraho Inama nkuru z’igihugu zikurikira :
Reta iraronsa izo nama nkuru z’igihugu uburyo bukwiye kugira ngo zikore.
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro riratomora amabanga y’Inama nkuru z’igihugu, abazigize n’ingene zikora kandi rirashobora gushiraho izindi.
Ingingo ya 276
Umukuru w’igihugu ni we ayobora ku rwego rwo hejuru ibiganiro bishikana ku masezerano mpuzamakungu. Ni we ashira igikumu kuri ayo masezerano akemeza ko akurikizwa.
Ingingo ya 277
Amasezerano y’ukugarukana n’ugukomeza amahoro, amasezeranoyo gushoreraniraibidandazwa,amasezerano atunganya ivyerekeye amakungu, amasezerano yotuma Uburundi budaha mu kigega cabwo, ayoshobora guhindura amabwirizwa asanzweho n’ayagenga zina muntu yemezwa gushirwa mu ngiro biciye mw’ibwirizwa.
Ingingo ya 278
Uburundi burashobora gushinga amashirahamwe bufatanije n’ibindi bihugu, ari ayo gutunganiriza hamwe , ubutunzi bwavyo canke ay’ugufashanya. Burashobora kuja hamwe n’ibindi bihugu, bugatunganiriza hamwe na vyo imigambi bihuriyeko.
Ingingo ya 279
Amasezerano mpuzamakungu ntashobora gukurikizwa ataremezwa kandi ataratangura gushirwa mu ngiro na bene kuyashinga bose iyo ahuza ibihugu bibiri Amasezerano yerekeye Uburundi n’ibindi bihugu canke n’amashirahamwe mpuzamakungu akurikizwa iyo ibitegekanijwe n’ayo masezerano bikwiye.
Ingingo ya 280
Amasezerano yo gushingura imyavu ruhonyanganda canke yonona ibidukikije arabujijwe.
Ingingo ya 281
Urwego rw’ukwivuna abansi n'urw'umutekano zirashobora guterera agacumu k’ubumwe mu bikorwa mpuzamakungu vyo gucungera amahoro kw' isi canke mu masezerano y’ugufashanya kw'yUburundi n'ibindi bihugu canke n’amashirahamwe mpuzamakungu. Nta nteko z’Uburundi zishobora kurungikwa mu mahanga Umukuru w’Igihugu atazirekuye, abanje guhanuza Icegera c’Umukuru w’Igihugu, Umushikiranganji wa Mbere n’InamaNkuruy’Igihugu ishinzwe umutekano.
Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zitegerezwa kubimenyeshwa mu kinngo c'iminsi itarenga indwi.
Ingingo ya 282
Nta gice na gito gishobora kuva ku Burundi canke ngo kiguzwe ikindi, nta ntara ishobora kubwongerwako, Abanmdi batabanje gutumwako ngo bavviyemerere mw’itora.
Ingingo ya 283
Igihe Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro îbisabwe n’Umukuru w’Igihugu, Umukuru w’Inama Nshingamateka, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, ica kane c'abagize Inama Nshingamateka canke ica kane c’abagize Inama Nkenguzamateka, ikemeza ko mu vyo igihugu cemereye amakungu harimwo ingingo iteye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro, ayo masezerano ntashobora kwemezwa Ibwirizwa Shingiro ritabanje guhindurwa canke gusubirwamwo.
Ingingo ya 284
Ibwirizwa Shingiro risubirwamwo bisabwe n’Umukuru w’Igihugu abanje kuja inama n’Urwego Nshikiranganji canke bisabwe n’abarenga ica kabiri c’abagize Inama Nshingamateka canke bisabwe n’abarenga ica kabiri c’abagize Inama Nkenguzamateka.
Ingingo ya 285
Umukuru w’Igihugu arashobora gucisha mw’itora ry’Abarundi bose integuro y’ingingo ihindura Ibwirizwa Shingiro.
Ingingo ya 286
Nta na rimwe integuro y’ingingo ihindura Ibwirizwa Shingiro yemerwa mu gihe ije iteye kubiri n’Ubumwe hamwe n’umwumvikano w’Abarundi canke itegekanya ko Reta yegamiye idini iryo ari ryo ryose canke iteye kubiri n’ukunywanisha Abarundi, intwaro rusangi, canke ishinga ko imbibe z’igihugu zihindurwa.
Ingingo ya 287
Integuro y’ingingo ihindura Ibwirizwa Shingiro yemezwa n’ibice bine vya bitanu vy’abagize Inama Inama Nshingamateka n’ibice bibiri Vya bitatu vy’abagize Inama Nkenguzamateka
Ingingo ya 288
Mu kurindira ko hashingwa inzego zivuye mu matora nk’uko bitegekanijwe n’iri Bwirizwa Shingiro, inzego zihasanzwe ziguma ku butegetsi gushika hagiyeho izindi nzego zivuye mu matora.
Abagize Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro bahari babandanya kurangura amabanga yabo gushika aho inzego nshasha zivuye mu matora ya 2020 zizoshirwaho.
Ingingo ya 289
Inama Nkenguzamateka ihawe ikiringo c’imyaka itanu hamaze gushirwaho inzego zitegekanijwe n’iri Bwirizwa Shingiro kugira irimbure ivyakozwe hanyuma hakurwe canke hakomezwe mw’IbwirizwaShingiroingendo ijanye n’ivy’amoko muri Reta, mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka hamwe no mu Rwego rw’Ubutungane.
Ingingo ya 290
Mu gihe adateye kubiri n’iri Bwirizwa Shingiro, amabwirizwa n’amategeko yari ahasanzwe aguma akurikizwa gushika ahindurwe canke afutwe.
Ingingo ya 291
IbwirizwaShingiro rya Repuburika y’Uburundi ryemejwe n’abenegihugu kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2005 kandi ryatangajwe n’Umukuru w’Igihugu ku wa 18 Ntwarante 2005 rirasubiwemwo.
Ingingo ya 292
Iri Bwirizwa Shingiro ryemejwe n’abenegihugu ku wa 17 Rusama 2018 ritangura gukurikizwa kuva umunsi ritangarijweko.
Bigiriwe i Gitega,
Igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018Petero NKURUNZIZA
KUBW’UMUKURU W’IGIHUGU,
BIBONYWE KANDI BISHIZWEKO IKIMANGU CA REPUBURIKA,
UMUSHIKIRANGANJI W’UBUTUNGANE,GUKINGIRA ITEKA N’ITEKANE RY’UMWENEGIHUGU NO GUSHINGURA IKIMANGU CA RETA
Aimé Laurentine Kanyana